IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Atletico Olympic uriko uraba ingene woshika mu gice ca kabiri (...)

Umurwi wa Atletico Olympic uriko uraba ingene woshika mu gice ca kabiri c’amahiganwa

mardi 19 Myandagaro 2014

Imirwi iri mw’ihiganwa ry’inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014 zigeze mu gice ca kane gishira ica nyuma. Umurwi wa Atletico warashoboye gushika muri ico gice. Uwo murwi uriko uraba uko woshika mu gice ca kabiri c’amahiganwa.

Umurwi wa Atletico Olympic usigaye mu mahiganwa

Inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma gitangura kuri iri genekerezo rya 19 Myandaro, imirwi yashoboye gushika muri ico gice ni iyi ikurikira :

Kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro :

Ku kibuga c’i Nyamirambo habera inkino zibiri, igihe c’isaha icenda, umurwi wa Atletico Olympic uza gutana mu mitwe n’umurwi wa Police FC wo mu Rwanda.

Isaha icumi n’imwe, Rayon Sport ikina na APR yose yo mu gihugu c’Urwanda.

Aho bukera kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro, i Nyamirambo nyene, hazokina imirwi ikwirikira:

- Azam izokina na El Merreick isaha icenda (15:00)

- KCCA izohura na Atlabara igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba (17:00)

Mwomenya ko umurwi wa Vital’o watwaye ico gikombe mu mwaka uheze, wasezeye amahiganwa ukiri mu gice c’ikurakuranamwo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.