Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Bayern Munich waraye utsinze FC Barcelone
 Umurwi wa Bayern Munich waraye  utsinze FC Barcelone
 Umurwi wa Bayern Munich waraye  utsinze FC Barcelone
				
				mercredi 24 Ndamukiza 2013
Umurwi wa FC Barcelone waraye unyagiwe na Bayern Munich ibitsindo 4-0 mu mukino rwabaye ejo, mu gice gishira icanyuma c’imirwi yabaye iyambere iwabo ku mugabane w’u Buraya (Champions league ).
Inyuma yo gusatirwa bikomeye umukino ugitangura, umukinnyi Thomas Mueller yuguruye izamu rya Barcelone ku munota wa 25.
Bayern Munich yakomeje gusatira bikomeye no mu gice ca kabiri ariho kigitangura, ku munota wa 49, Mario Gomez yatsinze ica kabiri, ku munota wa 78 Robben ashiramwo ikindi, ica nyuma cinjira ku munota wa 82 cinjijwe na Thomas Mueller ari nawe yari yatsinze ica mbere .
Urukino rurangira  FC Barcelone itaravye izamu rya Bayern Munich.
Kuri uyu wa Gatatu, hategerejwe urundi  rukino Real Madrid yo muri Espagne iza guhura na Borrussia Dortmund yo mu Budagi.
Joel Sengurube

