IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Lydia Ludic Academic watahukanye igikombe, ubushimwe bwinshi (...)

Umurwi wa Lydia Ludic Academic watahukanye igikombe, ubushimwe bwinshi bwaratanzwe

lundi 25 Myandagaro 2014

Urukino rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ntirworoshe hagati y’umurwi wa Lydia Ludic Academic na Messager Ngozi. "Haburana babiri hagatsinda umwe", uwo murwi wa LLB Academic watahukanye igikombe. Abakinyi batari bake, n’imirwi bararonkejwe ubushimwe.

JPEG - 95.9 ko
LLB watwaye igikombe c’umukuru w’igihugu

Ku kibuga "Vyizigiro" co mu Rumunge hakinywe urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu. Inkino zakinywe ku civugo "Ukuri no Gusubiza hamwe". Ico gikombe cahawe umurwi wa LLB inyuma y’urukino rudasanzwe wari uhejeje gukina na Messager Ngozi. Ico gikombe cabonetse bitoroshe kuko n’umwanya wagenewe urukino waraheze barongerako n’uwundi kugira batature iyo mirwi. Penalty zine kuri 2 (4-2), LLB ironswa igikombe. Ico gikombe cabaye ica kabiri inyuma yo kuronswa ikindi c’ihiganwa Primus League.

JPEG - 79.5 ko
Messager Ngozi watwaye ikibanza ca kabiri

LLB inyuma yo guhabwa igikombe, yahawe n’ibahasha y’imiriyoni 5 z’amarundi (5.000.000frb) kubera watahukanye ikibanza ca mbere. Si uwo gusa watahukanye agashimwe, abakinyi canke imirwi yitwaye neza canke abakinyi bitwaye neza bararonkejwe ubushimwe.

Abo ni aba bakurikira :

1) Umukinyi Claude Ndarusanze : umukinyi yigenjeje neza muri Primus League : 200.000frbu,

2) Umuhagarikizi mpuzamakungu Jean Birumushahu : Urupapuro mpamyabushobozi (Certificat de Merite),

3) Enock Sabumukama : Umukinyi akiri muto yigenjeje neza,

4) Deo Ndayishimiye : umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi,

5) Umurwi wa Elephants na Unite FC mu kibanza ca gatatu yaronkejwe ibahasha y’i 1.500.000,

6) Messager Ngozi mu kibanza ca kabiri : 3.500.000

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, Reverien Ndikuriyo arongoye FFB, umushikiranganji w’Urwaruka inkino n’imicokama, eka n’abandi bategetsi bari bitavye ivyo birori.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.