IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Lydia Ludic wahinduye izina, watsinzwe urukino rwa mbere (...)

Umurwi wa Lydia Ludic wahinduye izina, watsinzwe urukino rwa mbere rw’amahiganwa

lundi 22 Nyakanga 2014

Amahiganwa y’umupira w’amaguru y’umwaka w’i 2014 ushira w’ i 2015 yuguruwe n’urukino rwahuje imirwi ya Lydia Ludic na Vital’o. Uwo murwi wa mbere wuguruye n’intsinzi, ikarata ya mbere itukura yaratanzwe.

JPEG - 111.9 ko
Umurwi wa Lydia Ludic Sport 4 Afrika mu mpuzu nshasha

Imirwi ya Vital’o na Lydia Ludic yaruguruye amahiganwa y’umwaka. Urukino rwuzuye ishaka n’ubuhinga butangaje rwari rwitabwe n’abantu isinzi na rirya iyo irwi ikunzwe cane mu Burundi. Hamwe na Marc Arthur umunyezamu mushasha wa Vital’o, uwo murwi warashoboye gutsinda Lydia Ludic. Igice ca kabiri c’urukino cazaniye ingorane uwo murwi wa nyuma, inyuma y’iminota cumi n’itatu, RUGONUMUGABO Stephan, umukinyi w’icugazo wa LL yagize ikosa ryatumye aronka ikarata itukura, aca asohorwa mu kibuga. Ingaruka mbi ntizatevye kuri uwo murwi kuko Mavugo Lody wa Vital’o yaciye yinjiza igitsindo ciza. Urukino ntirwahagaze, LL yagumye isatira iteba ironka Penalty yatewe na Gael hanyuma Marc Arthur arayifata, baca baratsindwa kimwe ku busa (1-0).

Mu ntara ya Muyinga naho hariko habera urukino rwahuje imirwi ya Flambeau de L’Est yakinye na Olympic Star. Iyo mirwi yatashe ubusa ku bundi (0-0)

Tubibutse ko iryo higanwa LL yatsinzwemwo ariryo yaronse igikombe mu mwaka w’i 2013 ushira uw’i 2014. Uwo murwi nyene waratsindiye igikombe c’umukuru w’igihugu. Ikindi n’uko LLA yahinduye izina, ubu yitwa Lydia Ludic Sport 4 Africa (LLS4A)


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.