IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa PSG wirahiye FC Barcelone, urukino rwagenze gute?

Umurwi wa PSG wirahiye FC Barcelone, urukino rwagenze gute?

mercredi 1er Gitugutu 2014

Imirwi ya Paris Saint Germain na FC Barcelone yaraye ihuje ubwayi. Ku kibuga cayo, PSG yararahiye irarengwa ko itohatsindirwa. Eka na FC Barcelone yarihagazeko. Urukino rwaheze ku ntsinzi ya PSG.

Umurwi wa Paris Saint Germain wo mu Bufaransa waraye ukinye na FC Barcelone wo muri Espagne. PSG yakinye urwo rukino umukinyi w’igihangange Zlatan Ibrahimovic atarimwo. Naho biri uko, bagenziwe baravyifashemwo neza mu gutsinda FC Barcelone. FC Barcelone yatsinzwe ibitsindo 3 kuri 2. Ku ruhande rwa PSG, ibitsindo vyabonetse na David Luiz ku munota w’icumi (10e min), Verratti (26e), na Matuidi ku munota wa 54 (54e min). Ku ruhande rwa FC Barcelone vyinjijwe na Messi ku munota w’i 11(11e min), na Neymar ku munota wa 56 (56emin).

Mbega urukino rwari rumeze gute?

Urukino rwariko rubera ku kibuga Parc des Princes c’umurwi wa PSG. Intango yaranzwe n’ugusatira kw’imirwi yose ata bwoba hagati yayo. Ukuntu Laurent Blanc, umumenyereza wa PSG yapanze abakinyi nka Javier Pastore yambaye inomero 10 na Lucas Moura vyatumye uwo wa nyuma ahereza umupira mwiza David Luiz yahoze muri Chelsea, yugurura igitsindo ca mbere.

Umunezero wa Laurent Blanc wamaze umwanya urume rumara, kuko Messi na Iniesta barahererekanye umupira, maze Messi arinjiza ku munota wa 11. Iyo mirwi ica iranganya.

Inyuma y’ivyo bitsindo, hagumye umusunikano wa FC Barcelone irondera igitsindo ariko ku munota wa 26, ibintu vyarahindutse, Marco Verratti akinjiza n’umutwe akwiza igitsindo ca 2 kuri 1 ca FC Barcelone. Ico gitsindo nyene caciye gisozera igice ca mbere c’urukino.

Intango y’igice ca kabiri ntiyoroheye FC Barcelone, kuko ku munota wa 56 ku mupira wavuye i buryo, Blaise Matuidi yinjije igitsindo ca 3. FC Barcelone yasa n’iyikubiswe n’inkuba, ariko ntiyacitse intege kuko Dani Alves yarabaciye mu ryahumye ahereza umupira Neymar, maze umurwi wiwe uronka igitsindo ca kabiri. Urukino rwahavuye ruhera ari ibitsindo 3 vya PSG na 2 vya FC Barcelone.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.