Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umusubirizi wa Sepp Blatter azotorwa kuri uwu wa gatanu
 Umusubirizi wa Sepp Blatter azotorwa kuri uwu wa gatanu
 Umusubirizi wa Sepp Blatter azotorwa kuri uwu wa gatanu
				
				jeudi 25 Ruhuhuma 2016, par
Sentare mpuzamakungu ijejwe inkino yemeje ko inama y’ugutora umuyobozi mushasha w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) izoba aho bukera kuri uwu wa gatanu.
Iyo ngingo ya Sentare mpuzamakungu ijejwe inkino yafashwe inyuma y’aho Ali bin al Hussein wo muri Yordaniya, umwe mu bahiganirwa gusubirira Sepp Blatter ku buyobozi bwa FIFA, yari yasavye ko ayo matora yokwegezwa inyuma kubera ko atashimye uko yateguwe.
 
- Yordaniya, umwe mu bahiganirwa gusubirira Sepp Blatter
Ayo matora y’umukuru mushasha wa FIFA azoba kuri uwu wa gatanu, mu gihe muri iryo shirahamwe havugwa ruswa yo ku rugero rwo hejuru.
 
- Sepp Blatter yahora ku buyobozi bwa FIFA
IGIHE

Messages
25 Ruhuhuma 2016, 21:44, par Ndagijimana Sylvestre
Nibareke Uwomutama Arongore Fifa Bareke Kumwagiriza Ruswa Uwohora Imbwa Gusutama Yozimara Zose
26 Ruhuhuma 2016, 14:59, par patron jeune
Akari mumpene niko Kari no muntama