IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yatumiwe mw’ihiganwa mu Rwanda

Vital’O yatumiwe mw’ihiganwa mu Rwanda

vendredi 13 Munyonyo 2015, par egide

Umurwi w’umupira w’amaguru wa Vital’O wo mu Burundi watumiwe mw’ihiganwa Rayon Sports and StarTimes Christmas Cup ryateguwe n’umurwi wa Rayon Sports ufadikanije n’ishirahamwe StarTimes.

Muri iryo higanwa, hatumiwe imirwi umunani yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, bikaba bitegekanijwe ko rizotangura kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2015.

Imirwi yatumiwe muri iryo higanwa ni Vital’O yo mu Burundi, APR FC, Mukura VS, Police FC, AS Kigali na Rayon Sports zose zo mu Rwanda, Sports Club Villa yo muri Uganda, hamwe na Bukavu Dawa yo muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Umunyamabanga wa Rayon Sports, Olivier Gakwaya, amenyesha ko imirwi yo mu Rwanda izemera kwitaba iryo higanwa izohabwa amafaranga angana n’ibihumbi amajana atandatu vy’amanyarwanda. Imirwi izoba ivuye hanze y’igihugu nayo ikazohabwa amafaranga agera ku bihumbi bibiri vy’amadorare.

JPEG - 51.4 ko
Olivier Gakwaya, Umunyamabanga wa Rayon Sports

Amakuru atangwa kandi n’abariko bategura iryo higanwa amenyesha ko imirwi izoshika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma izohabwa ibihumbi amajana atandatu vy’amanyarwanda, 600.000, umurwi utahukanye ikibanza ca gatatu uhabwe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu vy’amafaranga y’amanyarwanda. Umurwi uzoronka ikibanza ca kabiri uzohabwa imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu vy’amafaranga y’amanyarwanda. Umurwi nawo uzotahukana ikibanza ca mbere ukaba uzohabwa agashimwe k’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amanyarwanda, hamwe n’igikombe.

Umukinyi azoba yarushije abandi nawe azohabwa ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu vy’amanyarwanda.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.