IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vitalo watahukanye igikombe ca Primus Ligue 2015

Vitalo watahukanye igikombe ca Primus Ligue 2015

dimanche 10 Rusama 2015

Umurwi wa Vitalo waraye utahukanye igikombe c’ihiganwa Primus Ligue n’amanota 60 inyuma y’ibitsindo bitatu vyinjijwe n’umukinyi Mavugo Laudit.

Urukino rwahaye igikombe umurwi wa Vitalo,rwawuhuje n’umurwi wa Prince Louis hari ku munsi ugira mirongo ibiri n’indwi ,kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 rusama .

Urukino rwaheze ari ibitsindo bitatu vya Vitalo,ku bitsindo 2 vy’umurwi wa Prince Louis.Ku bakunzi ba Vitalo,abakinyi ndetse n’umumenyereza wari umunezero kuri uno wa gatandatu,umurwi wabo uhejeje gutsinda urukino rubaha uburenganzira bwo gutwara igikombe uno mwaka.

Umurwi wa Vitalo uciye uronka uburenganzira bwo guserukira Uburundi,mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Afrika.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.