Accueil > Inkino > FOOTBALL > Wenger: Gutsinda i Munich birashoboka
 Wenger: Gutsinda i Munich birashoboka
 Wenger: Gutsinda i Munich birashoboka
				
				jeudi 14 Ntwarante 2013
Arsene Wenger avuga ko Arsenal ishobora kwivyukiranya kuri 3-1 yatsinzwe na Bayern Munich igashika mu ca kane c’ihiganwa rya Champions League ry’i Buraya.
Ariko kutaboneka kw’umunye goli Wojceich Szczesny n’abakinyi Jack Wilchere na Bacary Sanya, kwongereje akazi Arsenal.
Ariko Wenger yagize ati: "Biragoye ivyo turabizi, ariko si ibintu bidashoboka.
Uburyo bwo nyene utuma bishoboka n’ukugerageza uko ushoboye, kandi ivyo nivyo tuza gukora. Kuja mu rukino twibaza ko tuza kuva mw’ihiganwa n’ibintu bidashobora kwemerwa."
Kiretse kuba Arsenal yaratsinzwe vyinshi iwayo mu rukino rwa mbere, Bayern Munich ihagaze neza cane mw’ihiganwa ryo muhira, ivyo bikaba bitaza kworohera Arsenal.
Uwo mugwi wo mu Budage nturatsindirwa iwayo ibitsindo bitatu kuva igihe watsindwa na Inter Milan muri Champions League ubu haciye imyaka ibiri.
Mw’ihiganwa ya Bundesliga ry’ubu, Bayern imaze gutsingwa ibitsindo 10 gusa mu mikino 25.
Gildas Ndihokubwayo
