Accueil > Imibano > Indero > Amabanga cumi yo kumenya kuganira neza
Amabanga cumi yo kumenya kuganira neza
jeudi 2 Rusama 2013
Kuganira ni uburyo bushobora gukorwa uvuze canke utavuze mu gusohora iciyumviro ukibwira uwo mushaka kuganira. Ubwo buryo bwo kuganira butegerezwa kwumvikana bukanatahurika.
Kuvuga co kimwe no kwumviriza ni ibintu bibiri vyo kuganira. Hari uburyo bwinshi bwo gutanga ubutumwa. Hari ibituma ikiyago kigenda neza, n’ibindi bituma kigenda nabi mbere kikanashobora guhagarara.
Muri ubwo butumwa twovuga :
Ivyo nshaka kuvuga
Ivyo mvuga mu vy’ukuri (amajambo nkoresha)
Ico wewe utahura
Ico wibaza ko nibaza ko watahuye
Kugira ntugume kuri « natahuye ko », « narinzi ko», « Ariko wavuze ko » n’ibindi umuntu atatahuye neza, tubahanuye gukoresha aya mabwirizwa asanzwe akoreshwa ibihe vyose. Nayo ni nk’aya dusanga ku murongo ngurakanabumenyi www.ecoute-psy.com :
1) Gufata umwanya wo kwumviriza uwo muganira
Kwumviriza no kuraba mu maso uwo muriko muraganira mu buryo bugaragara: kubw’ivyo, fata umwanya wo kwumviriza no gutahura, atari ukwibanga gusa kwumviriza.
2) Kureka gusobanura no gutomboza ivyo avuze
Kureka kwibaza ko uwundi yatahuye ivyo wavuze kuko woba warumaze kumwumva abivuze ahandi hantu. Ni naco gituma bishoboka ko amajambo yoba afise izindi nsiguro kuwo muriko muraganira. Gusobanuza ni ikintu atari ciza na gato mu gihe uwundi ariko aratanga impanuro, kuko muri ico gihe bitazoba bikenewe. Kugira ijisho rishasha n’irindi ataco ribivuzeko, ni nko kuja ku ruhande, kugira uhe ikibanza uwundi.
3) Kwinanata mu kuvuga ivyumvikana
Ubutumwa buhawe buratandukanye n’ubutumwa buvuzwe, kuko hagati y’ivyiyumviro vy’uwo muba muriko muraganira n’ukwakira ivyo avuze. Ubutumwa buzoba bumaze kugera ku mpinga ndende, bumaze no guhindurwa bivanye n’ivyo tuzoba twarabayemwo. Ni aho hari intanduruko nyamukuru yo kutumvikana. Nico gituma dukwiye kuvuga ivyumvikana kandi bigaragara.
4) Kuba umugwaneza
Namba mwibaza ko amajambo amwe amwe ashobora kubabaza umuntu, rondere amajambo atababaza, ataco anavuze kinini. koreshe « jewe », ntimukeke umuntu canke ngo mumwagirize ». « Imbere yo gukosora umuntu banze mwibange ku bintu bimwe bimwe » nko kuri kano kagani k’abayahudi kavuga gati : « ntiwugurure akanwa mu gihe utaramenya ko ivyo ugire uvuge bibabaza mugenzi wawe. Ku bisanzwe uburwaneza ni kugira ivyiyumviro vyiza bituma abantu biyugurukiranira. Bituma haba icuka ciza hagati y’abantu no gutuma basohora ikiri ku mutima.
5) Gusubiramwo kubaza n’ubwo woba watahuye
Ni ikintu nyamukuru kandi kihambaye mu biganiro « Giteye ubwoba ». Gusubiramwo kubaza bituma uwundi asubiramwo ivyo utatahuye kuvyo yavuze no gusanganira ivyo amajambo yavuze yagize muri wewe. Amajambo azoca aba magufi kandi yumvikana kugira n’urugendo ibiganiro vyacu vyariko ntibihagarare. Ubwo buryo nabwo bugasabwa gukoreshwa igihe cose hari ibiganiro hagati y’abantu babiri.
Akarorero : Mu gihe umuntu yitwa Korori amenyesheje ko atazosangira umwaka hamwe n’abavyeyi biwe, se wa Karori ashobora kumweka ko avyansa akoresheje nka : « ibiki, ntushaka gusangira umwaka natwe? » canke agahindura uburyo mu kuvuga neza ati : « ushatse kuvuga ko utazoba uri kumwe natwe igenekerezo rya 31 Kigarama ? »
6) Gutega amatwi neza, ni ingabire uba uhaye uwo muganira
Gusubiramwo kubaza ni ikimenyetsocerekana ko wubashe kandi ubihaye akamaro. Ni ikintu ciza ku wuriko arakwumviriza kuko yumva atahuwe kandi yubashwe. Mu gihe dusubiyemwo kubaza kandi tukerekana ko twatahuye, uwo tuba turiko turaganira aca yumva ko yemewe kandi atekaniwe. Kubw’uburwaneza, tuba twameretse, bikanatuma ashaka kwishushanya natwe. Bizomutuma asohora ivyiyumviro vyiwe akaniyugurura, akumva anamerewe na neza.
7) Kwumviriza ibigumbagumba vy’uwuriko arakuganirira
Nkaganira n’umutima wanje, mu gihe ndiko ndumviriza. Kuba maso mu bigumbagumba bibabije muri jewe mu gihe tuba turiko turaganira na mugenzanje. Umuntu yokwibaza ati : « Mbega ndazi kumenya igihe ikintu kimerera nabi canke ivyiyumviro vyanje bigora uwo tuba turiko turavugana.Turi babiri, twoba turi mu cuka kidushoboza kuganira neza ?
8) Kudacira mw’ijambo uwoba ariko arakuganiriza
Ni vyiza gufata ijambo, uwo muganira yahejeje kuvuga.
9) Kuraba ko iyo muriko muraganira atawuba ariko ararengera akarimbi uwundi.
Ntimurenze induru uwo muba muriko muraganira mu kuvuga amajambo menshi. Nimumuhe akanya ko kwiyumvira.
10) Ibutse uwo muriko muraganira ko umukunda.
Mu gihe ikiganiro kimeze nk’ikigoye kigahagarara, ntimwibagire kwibutsa n’imiburiburi imbere yo kurangiza ko mushima uwo muba muriko mugaranira. Mugaragaze ko mwemejwe ko muri abantu babiri batandukanye :
Simeze nkawe, ariko ndemeje ubwigenge bwawe bushobora kuba butandukanye. Ashobora kuba ari abana bawe, umufasha wawe canke abavyeyi bawe. Bibutse ko ubakunda, ko uhiriwe kuba ubafise, n’ukungene ari bantu ngirakamaro kuri wewe.
Izo mpanuro canke ayo mabwiririzwa, bizobafasha guteza imbere ikiyago canyu, igihe cose muzoba muriko muraganira na mugenzi wawe.
Mariella Bukuru