Accueil > Kwidagadura > Igiteramo c’abarundikazi banyabuye cabaye umwakaka
Igiteramo c’abarundikazi banyabuye cabaye umwakaka
samedi 14 Kigarama 2013
Mu ntumbero yo kwerekana Aburundi n’amakungu aho urwaruka rw’Uburundi rugeze mu kwambika no gutambuka kw’abigeme banyabuye,” Agence Esther” yaragize igiteramo cahuza abarundi n’abandi batumire baje bava mu bihugu vyo mu karere Uburundi buhereyemwo.
Mu nzu y’amakoraniro y’i hoteri “Safari Gate “iri kw’ibarabara ryitwa “Avenue du Large”, ejo hahise kw’igenekerezo rya 13 Kigarama, niho abagize umurwi wa “Agence Esther” berekana icese aho urwaruka rw’uburundi rugeze mu bijanye no gutambuka birebanga ”Defile de mode” ku bakobwa bagororotse cane kandi banyabuye” Mannequin.

Muri ico giteramo cataziriwe “Burundi International Fashion Night” bisigura mu Kirundi “Ijoro ry’umuderi mpuzamakungu i Burundi”, hari hatumiwe urwaruka rwo mu bihugu bimwe bimwe vyo mu karere : Rwanda, Uganda, igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, eka hari haje n’umutumire avuye mu gihugu ca Senegal.
Jean Francois Regis Hakizumukama, umwe mu batanguje « Agence Esther » akaba na wenyene azi iyo ntambuko, amanyesha ko ico giteramo gifise intumbero hanini yo kwereka Aburundi n’amakungu aho urwaruka rw’Uburundi rugeze mu kwambika no gutunganya gutambuka neza ku bigeme banyabuye,”Maquillage et defile de mode des Mannequins”. Amenyesha kandi ko ari igiteramo ca mbere bagize bafise abatumire mvamakungu.

“Burundi international Fashion Night” yategerezwa gutangura isaha imwe y’ijoro (19h00) mu masaha y’i Burundi, ariko cagiye gutangura isaha zibiri n’iminota 48. Igiteramo cuguruwe na Nahimana Germaine yanezereje cane abatumire, uwo n’umurundikazi yiga mu gihugu ca Kenya kandi ni umuririmvyi. Inyuma yaho hakwirikiye ”Defile de mode” y’abakobwa n’abahungu bo muri Agence Esther” maze ikirori kirareta, abanyamahanga batari bake bari baje kuratira ijisho.
Naho vyabonetse ko ata bantu ikirenga bari bitavye, abagiriwe amahirwe yo kuhashika baracikugura ivyo amaso yaberetse. Abafise amashirahamwe (entreprises), ntibari batanzwe kwirabira abigeme bobafasha kumenyekanisha ivyo bakora. Eka abashoboye kuhashika ntibamaramaye.





Cherif Nkeshimana
Messages
17 Kigarama 2013, 16:54, par mpawe
nakamaramaza baduhenere dukome amashi!iryo niryo terambere
21 Nyakanga 2016, 19:26
BT BANYAKUBAHA NONE IC GITERAMO KIZORA HE! TUHAMENYE?
1er Nzero 2017, 03:20, par Germaine Nahimana
Hello, ico Giordano cari inverter ijisho