Accueil > Amagara y’abantu > Amashirahammwe yigenga yoterera mu kwigisha ibijanye no kurwanya gufungura (...)
Amashirahammwe yigenga yoterera mu kwigisha ibijanye no kurwanya gufungura nabi
mercredi 22 Gitugutu 2014
Uburundi buriko bushira inguvu mu kurwanya ikibazo co gufungura no gufungura nabi gihanze Abarundi. Ibiharuro vyerekana ko abana bari munsi y’imyak 5 bagera ku bice 87% bahazwe n’indwara zivuye gufungura nabi bituma batagira igikuriro, bigaca bigabanura itera mbere ry’Ubutunzi. Ivyo vyatumye hatunganywa uruganda rwo gushiraho urwego rw’amashirahamwe yigenga akwirikirana ibijanye no gufungura n’ukwitaho ibifungurwa gutanga inyigisho ku banyagihugu.

Intumbero y’uruganda rwateguwe n’amashirahamwe yigenga ariyo Word Vision, Scaling Up Nutrition, Concern Wideworld, Reach na Reta y’Uburundi, n’izindi ni gushiraho umuhora w’ishirahamwe ryigenga ryofasha gushiraho rikanitaho ibijanye n’ingorane zo gufungura zihanze imiryango zikazingamika ubutunzi bw’Uburundi. Ihangiro ry’uruganda rugiye kumara iminsi ibiri ni guhimiriza amashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu gihugu akwikikirana ibijanye no gufungura mu kugirisha inama nyinshi, mu kwigisha ibijanye no gufungura neza ni vyo umurundi yofungura kugira agire amagara meza.
Rurema Deo Guide umuyobozi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yuguruye ibikorwa, avuga ko uruganda ruri mu rukwirikirane rw’izindi zimaze kuba zerekana ikibanza c’Uburundi mu gufungura nabi cane cane ku bana bari munsi y’imyaka ibiri. Avuga ko gukoranya urunani rw’amashirahamwe yigenga yogira ico atereye reta muri ico gikorwa kitoroshe co kurwiza umwimbu. Urwo runani ruzofasha gusigurira abanyagihugu canke abo bose barabwa n’igikorwa c’uburimyi n’ubworozi kubamenyesha uburyo bwo kuronka umwimbu maze baronke ivyo bagaburira imiryango yabo.
- Rurema Deo Guide
Rurema Deo Guide amenyesha kandi ko Reta y’Uburundi yamaze gushiraho umugambi w’imirima y’igikoni "Garden kitchen" hamwe no kwigisha akamaro ko gukaraba.
Cherif Nkeshimana