Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Munyonyo umwaka wa 2018 mu ntara ya Ngozi, inama y’abakorera mu gisata co gucukura ubutare mu ntumbero yo kurabira hamwe uko ico gisata cifashe.
Accueil > Mots-clés > IGIHE_Homepage_Management > HomeHighlights
HomeHighlights
Articles
-
Ngozi: Umukuru w’igihugu yakoranije inama ihuza abakorera mu gisata c’ubutare
7 November 2018, by vianney -
Arsene Mugenzi : “Isoko y’imitahe izofasha abakeneye imitahe guhura imbonankubone n’ abanyamitahe.”
5 November 2018, by vianneyArsene MUGENZI akora mu gisata kijejwe isoko y’abanyamitahe amenyeshako umugambi wo gushiraho isoko y’imitahe bizofasha kugira abakeneye imitahe n’ abanyamitahe bahure ata muntu barinze gucako.
-
BRARUDI yaronkeje udushimwe abatsinze mw’ihiganwa « Pfundurura Utsinde »
8 November 2018, by vianneyIshirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI ryatanze udushimwe dutandukanye ku bantu batomboje muvyo bise Pfundurura Utsinde. Kugira utombore, umuntu agura icupa ry’ikiyeri inyuma yo kuryugurura afata umufuniko akawuharura kugira arabe ico yatomboje indani mwuwo mufuniko.
-
Inama nshingamateka na nkenguzametaka vyaronkejwe imfashanyo na ABEF
14 November 2018, by vianneyIshirahamwe rihurikiyemwo amabanki akorera mu BURUNDI ABEF (Association de Banques et Etablissements financiers) ryaronkeje inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi imfashanyo y’amafaranga angana imiriyoni 23 y’amafaranga y’amarundi azofasha mu gikorwa co kwakira inkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka yo mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.
-
Abipfuza guhiganirwa ibibabanza vy’ubukomiseri mu murwi CVR basabwa gushikana ibisabwa n’amategeko
10 November 2018, by vianneyIbiro vy’inama nshingamateka bimenyeshako bihamagariye abantu bose bipfuza guhiganirwa ibibanza vy’abakomiseri 13 b’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR ko boshikana ibisabwa n’amategeko mu murwi ujejwe gutunganya ishirwaho ry’abakomiseri 13 washizweho n’inama nshingamateka.