Accueil > Imibano > Umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi kw’isi
 Umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi kw’isi
 Umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi kw’isi
				
				jeudi 20 Ruheshi 2013
Igenekerezo rya 20 Ruheshi isi nzima irahimbaza umunsi wahariwe impunzi . Leta y’Uburundi yifatanije n’amakungu kugira basubiremwo kandi ibijanye no kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu ajanye no gukingira no kuba hafi impunzi .
Nk’uko bivugwa n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Evariste Nsabiyumva , leta y’Uburundi ifadikanije n’ishirahamwe HCR yarashizeho mu ntango z’uyu mwaka wa 2013, ibigo impunzi zisaba ubuhungiro ziba zirashizwemwo mu ntara ya cibitoke hamwe no mu ntara ya Bujumbura kugira bakire abasaba ubuhungiro. Ni muri iyo ntumbero nyene iyindi kambi y’impunzi iherutse kwugururwa ku musozi Kavumu w’ikomine n’intara ya cankuzo. Evariste Nsabiyumva amenyesha ko Leta y’Uburundi yashizeho urwego rw ‘igihugu rukingira impunzi n’abahungutse (ONAPRA).
Icivugo catowe ni’’ Mu munota umwe gusa, umuryango urashobora kubura ivyawo vyose, mu munota umwe kandi murashobora kuwufasha.
Floxella Karire
