IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bwiza : Abakozi bo mu nzu bemeza ko bahura n’ibibazo bitandukanye mu kazi (...)

Bwiza : Abakozi bo mu nzu bemeza ko bahura n’ibibazo bitandukanye mu kazi kabo

vendredi 3 novembre 2017

NDAGIJIMANA Issa ari mu bakora akazi ko mu nzu yatumenyesheje ko amaze guhura n’ikibazo co gutukwa vyashitse agategura nabi imfungurwa kandi bitamuvuyeko, akavuga kandi ko amaze kwagirizwa ko yivye ibintu ata kintu na kimwe yigeze akorako aho asigura ko bikorwa mu ntumbero yo kubirukana bataronse agahembo kabo.

MUHOZA Anitha ashikiriza ko mu bibazo ahura navyo ko ari ikijanye no kudahabwa amafaranga yo gusuma ku mwanya bigatuma ateka atevye hama mu nyuma agaca yagirizwa ko yatebeje guteka.

Bamwe mu bakozi bo mu nzu bavuga ko kubona bari mu mashirahamwe afasha abakozi bo mu nzu bifise akamaro kuko iyo bafise ibibazo bituye ayo mashirahamwe bafashwa nko mu kubaronderera uburaro hamwe no kubishuriza amafaranga batahawe n’abakoresha babo imbere yuko birukanwa.

NDUWAYEZU Francine yavuze ati : “ Kuja mw’ishirahamwe rifasha abakozi bo mu nzu ni sawa kuko iyo umukozi afise ingorane arafashwa akaronswa uburaro kandi iyo uryituye urarondererwa akazi kandi ntushobora kwirukanwa n’umukoresha ishirahamwe ryakujanye ritamenyeshejwe”.

Frederick NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe rifasha abakozi bo mu nzu “urunani twiteze imbere ” amenyesha ko ingorane abakozi bo mu nzu bahura nazo zitumwa no kuba badafise ubumenyi bukwiye mu bijanye n’akazi kabo hamwe no kutamenya amategeko abagenga.

Kuvyerekeye amafaranga atangwa mu kwinjira mw’ishirahamwe ,uyo arongoye iryo shirahamwe avuga ko ayo mafaranga atari umurengera kuko afasha mu bikorwa vyo kuronderera akazi abakozi bagakeneye,kubaronsa uburaro iyo badafise aho barara hamwe no kubaronsa inyigisho zijanye na kazi kabo.

Frederick NSHIMIRIMANA atera akamo abakozi bose kwiyandikisha mu mashirahamwe kugira baronke ubumenyi bukwiye hamwe no gufashwa mu gihe bahuye n’ibibazo mu kazi kabo.

Abakozi benshi bo mu nzu ntibiyandikisha mu mashirahamwe abafasha mu gutinya amafaranga batanga ariko iyo bagize ingorane bituma babura uwo bitura bahuye n’ikibazo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.