IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanze intererano y’amabati 100

Econet Leo yatanze intererano y’amabati 100

Sunday 4 November 2018, by vianney

Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo yashikirije iyo ntererano yamenyesheje ko ayo mabati bayatanze mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa rusangi kuko biteza imbere abantu.

Celestin BUKENE yavuze ati: “Musitanteri wanyu yaduterefonye kenshi atubwira ko hari amashure amerewe nabi abuze ibisakazo nico gituma twaje tuzananye amabati 100 twongera tuzanana inguvu zo gukora mu kwifatanya namwe mu bikorwa rusangi. ”

Uwo ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo yasavye abanyakarindo kubandanya baterefona no kwijukira umuhora wa Econet Leo kuko amabati batanze yavuye mu mafaranga bakoresha mu guterefona bakoreshe umuhora wa Econet Leo.

Celestin BUKENE yavuze ati:“Ayo mabati nimwe mwayiguriye kuko yavuye mu mafaranga mukoresha muguterefona niyo mwabandanya muterefona tuzogaruka,mutabandanije naho muzoba mutubwiye ati nimugende.”

Musitanteri wa komine Rutana Isidora NKUNDIZANYE yavuze ko ashimiye isirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo ku ntererano y’amabati yabaronkeje kugira ishure nshingiro rya Karindo rishobore gusakarwa.

Umuyobozi mukuru w’indero mu ntara ya Rutana Simeon NGENZEBUHORO yavuze ko ibikorwa ishirahamwe Econet Leo ikora ari vyiza kuko riterera mu bikorwa vy’iterambere abantu bose n’ayandi mashirahamwe akwiye gufatira akarorero kuriryo shirahamwe.

Simeon NGENZEBUHORO yasavye abanyakarindo kubandanya bahahana amakuru mu guterefona bakoresheje umuhora wa Econet Leo kuko iryo shirahamwe ryaje kubera babonye ko murako gace abantu baho bahamagara kenshi bakoresheje uwo muhora.

Imbere yo gushikiriza intererano y’amabati abakozi b’ishirahamwe Econet Leo babanje kwifadikanya n’abanyagihugu bo muri Karindo mu gikorwa co gusukura ibarabara riva mu Karindo rija aho bita Mw’ishanga.

Ikomine ya Rutana igize iya 19 ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo rigendeye mu ntumbero yo gushigikira no kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.