IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mw’ihiganwa Diamond League muri (...)

Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mw’ihiganwa Diamond League muri Suede

lundi 19 Ruheshi 2017

Muri iryo higanwa ryabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 18 Ruheshi 2017, Francine NIYONSABA yirutse imetero 800 mu munota umwe, amasegonda 59 n’ivy’ijana 11(1’59’’11),.

Uwaje mu kibanza ca kabiri ni umunyasuwede LINDH Lovisa yirutse imetero 800 mu munota umwe, amasegonda 59 n’ivy’ijana 41(1’59’’41), mu gihe mu kibanza ca gatatu haje umunyaswisse BUCHEL Selina yirutse izo metero mu munota umwe, amasegonda 59 n’ivy’ijana 66 (1’59’’66).

Muri iryo higanwa rya Diamond League, umukinyi yama aza imbere ya Francine NIYONSABA, ariwe Caster SEMENYA ntiyari yitavye, uwo nawe akaba yaheruka kuba uwa mbere mw’ihiganwa nk’iryo nyene ryabereye mu gihugu ca Norvege kuri uwu wa gatandatu, asize umunonotsi Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri.

Mw’ihiganwa ryabereye mu gihugu ca Norvege, Fancine NIYONSABA yirutse imetero 800 mu mwanya ungana n’umunota umwe, amasegonda 58 n’ivy’ijana 18 (1’58’’18), mu gihe Caster SEMENYA yabaye uwa mbere yirutse izo metero 800 mu munota umwe, amasegnda 57 n’ivy’ijana 59 (1’57’’59).


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.