IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > "Uwakize ingwara zo mu mutwe akumiriwe ashobora gusubira kurwara" - Pierre (...)

"Uwakize ingwara zo mu mutwe akumiriwe ashobora gusubira kurwara" - Pierre Claver NJEJIMANA

lundi 18 décembre 2017

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 18 Kigarama 2017, Pierre Claver NJEJIMANA asanzwe afasha abagwayi bo mu mutwe kubumviriza hamwe no kubatahuza ingwara zabo, mu kigo kivura abarwayi bo mu mutwe ahazwi nko kwa Legentil, mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko kugira umugwayi akire bisaba uruhara rwiwe mu kwitahura uko ari, uruhara rw’umuryango mu kumuha ikibanza nk’umuntu afise agaciro hamwe no mu kibano mu kutamutunga urutoke.

Pierre Claver avuga ko ingwara yo mu mutwe ari ingwara ifata umuntu mu vyiyumviro vyiwe no mu ngendo ziwe, aho ivyiyumviro vyiwe bihinduka, ingendo yiwe igahinduka gushika aho adashobora gutandukanya ivyiyumviro vyiwe n’ivyabandi, akama abona ko ivyiyumviro vyiwe biri mu kuri kandi ivyiyumviro vyiwe vyaramaze kwononekara, mbere akabona ibintu uko abandi batabibona.

Bimwe mu bimenyetso biranga ingwara yo mu mutwe Pierre Claver NJEJIMANA ashikiriza ni nk’ibijanye no guhinduka mu vyiyumviro ivyo avuga ntibibe bigitondetse ku murongo, kunanirwa no gutunganya neza ibijanye n’ubuzima bwiwe, ukuyerera ata ntumbero afise, kuvuga amajambo menshi, gukubitana gose, kwambara impuzu zatabaguritse n’impuzu zaheze, kutagirira isuku umubiri wiwe gushika umuntu ahinduka ntashobore kumera nk’uko yahora ameze.

Ku bavuga ko ingwara yo mutwe ari amashetani canke amadayimoni aba yafashe umuntu, Pierre Claver NJEJIMANA avuga ati :

Sivyo na gato kuko ingwara yo mutwe ifise ibintu biyitera nk’ibijanye n’ibibazo umuntu aba afise mu buzima bwiwe adashoboye, bimurengeye ntabitorere inyishu ubwenge bwiwe buca burengerwa ingwara igaca imufata.”

Pierre Claver NJEJIMANA yongeye ati : “Ntabwo aba yarozwe ntabwo ari ibisigo, bivanye n’indemanwa yiwe iyo ngwara ishobora kumufata .”

Uwo yumviriza abagwayi bo mu mutwe mu kigo kwa Legentil asaba imiryango hamwe n’ikibano kudakumira abagwayi bo mutwe iyo batashe bavuye ku bitaro, kuko iyo abagwayi bo mutwe batunzwe intoke, bagakumirwa, ntibahabwe ikibanza nk’abandi bantu bakomeye, naho baba bakize baca basubira kugwara kandi bari gushobora kugirira akamaro umuryango n’igihugu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.