IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Ishirahamwe Econet Leo rirabeshuza amakuru ariko acishwa ku mbuga (...)

Ishirahamwe Econet Leo rirabeshuza amakuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi

mercredi 5 Ndamukiza 2017

Ishirahamwe Econet LEO rirabeshuza amakuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi za WhatsApp na Facebook, ko iryo shirahamwe ririko riratanga akazi k’umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2017 na Hardy Pemhiwa, umukuru w’urwego nyobozi rwa Econet Leo, bamenyesha ko ayo makuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi atariyo, kandi ko abari inyuma y’ikwiragizwa ryayo bazokurikiranwa mu butungane.

Ishirahamwe Econet Leo ryibutsa ko Emmanuel Hamez yahora ari umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe yatanze imihoho kuva kw’igenekerezo rya mbere Kigarama 2016.

Iryo shirahamwe rivuga ko uguhitamwo (sélection) uwuzotahukira ico kibanza kwamaze gutangura, kandi ko niyamara kumenyekana azoshirwa ahabona kugira abakorana n’iryo shirahamwe hamwe n’abanywanyi baryo bamumenye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.