IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Ni tugendere iragi rya Rwagasore

Ni tugendere iragi rya Rwagasore

samedi 17 Munyonyo 2012

Hari ku wa 13 Gitugutu 1961 aho umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore yagandagurwa ata kindi azize atari ukwanka agacinyizo ka bakavamahanga bashaka gucura bufuni na buhoro abarundi benewebo.Imyaka 51 rero yaraye irumanye iyo ncungu y’Uburundi igandaguwe. Iragi yasigiye abarundi bakwiye kwama bagendera ni iryo gukunda igihugu ndetse bikenewe bakacigura. 

None iryo ragi abarundi boba barigendera? Rwagasore arakwiye kubera akarorero urwaruka rwo muri kino gihe mu gukura bafise umutima wo gukunda igihugu no kugiteza imbere. Ego ni vyo benshi ivyo yakoze ntibabizi ariko baravyumva. Ariko umuntu yovuga adakekereza ko yari intwari koko. Ehe namwe! Rwagasore yari umwana w’Umwami ntaco yari abuze ndetse yari yaragize n’amahirwe araja mw’ishure. Iyo ataba yari afise uwo mutima wo gukunda igihugu yari gutekereza akironderera ivyicaro muri Reta hanyuma akaba arabayeho. 

Ariko yagiye imbere abandi aranka umukandamizo abatware b’abazungu bariko bagirira abarundi benewabo gushika n’aho aharanira ukwikukira kw’Uburundi ndetse aranabizira.Vyongeye ijambo yashikirije abarundi n’amakungu igihe umugambwe wiwe wari uhejeje gutahukana intsinzi mu matora y’abashingamateka yo ku wa 18 Nyakanga 1961 rirerekana ko yari indongozi y’akarorero yobera icigwa abatwara muri kino gihe na cane cane mu gutsimbataza intwaro ibereye.

Abasesagura amatungo ya Reta nta kibanza bakwiye kuronka

Umuganwa Ludoviko Rwagasore yari afise umugambi wo gutsimbataza intwaro ibereye biciye mu kudaha ikibanza abo yita imihimbiri, abasuma n’abambuzi ari nabo umuntu yogereranya n’abasesagura amatungo ya Reta muri kino gihe. Ako ni akandi karorero abantu bofatirako mu kurwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta. Kukaba nkako, iyo ingendo yo kurwanya ibiturire n’ugusesagura amatungo ya Reta itarashinga imizi, bituma igihugu kidatera imbere maze n’imigambi yose Reta iba ifise ikabangamirwa kuko usanga uburyo bwo kuyikora buba bwakoreshejwe nabi canke mu bidakenewe. Ikindi abantu bofatira ku muganwa yiguze Uburundi ni ingendo yo kumenyera gushira aho intahe ishize igihe c’amatora. 

Rwagasore yabaye uwa mbere mu guhamagarira abari batsinze amatora kudacokora canke ngo bafate nabi abari bahejeje gutsindwa ahubwo abahamagarira kumenya ko bose ari bene Burundi ko basabwa kubuteza imbere kugira bubake igihugu kirangwamwo iteka n’itekane. 

Aha naho nyene abarundi bohakura icigwa narirya mu myaka itatu gusa hazotunganywa ayandi matora tutibagiye ko inyuma y’amatora yo mu 2010 habaye ingorane zitari nke aho hari imigambwe itemeye ivyayavuyemwo. N’abaho hambere bari barayamaze bati: “uwutsinzwe ntibatsindaho” kandi ngo “haburana babiri hagatsinda umwe”. Igihambaye kukaba ari uguhiganwa mu mahoro maze uwudatsinze ubu akarondera kuzotsinda hanyuma.

Mbega mu mugambwe wa Rwagasore -UPRONA-iragi ryiwe ryarakurikijwe?

Iragi rya Rwagasore ntawovuga ko ryakurikijwe mu mugambwe wiwe kuko wewe ico yashira imbere bwari ubumwe, gusenyera ku mugozi umwe. None ubu uwoja kuraba yobisangayo? Ihibambewe! Umugambwe UPRONA ari nawo washikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira urafise ingorane zitari nke aho hari ukutumvikana gufatiye ku burongozi bw’uwo mugambwe. 

Hari umugwi wiyita ko urongoye umugambwe hakaba n’abavuga ko bagomba gusubiza umutamana uwo mugambwe. None Rwagasore yogaruka hariho uruhande rumwe muri izo zibiri yokwegamira? None hoba habuze iki ngo muri uwo mugambwe iragi rya Rwagasore baryisunge? Abantu rero barakwiye kurengera ibibatandukanya bagashira imbere iragi rya Rwagasore mu gutunganya umugambwe yabasigaranye badashize imbere ivyicaro n’ayandi maronko. Umuntu yohava yibaza ko abananiwe gutunganya umugambwe ejo bazohava batunganya ivy’igihugu? Ariko rero ahari abagabo ntihagwa ibara izo mpande zompi zoja hamwe zikumvikana kugira basubize iteka umugambwe wa Rwagasore.

Hokorwa iki kugira iryo ragi rigarukirwe?

Ibikwiye gukorwa si bike kugira iragi rya Rwagasore rigarukirwe. Hari uko urwaruka rwovyigishwa kugira rukure rufise umutima wo gukunda igihugu hanyuma abatwara nabo bakamwisunga mu gutsimbataza intwaro ibereye na demokarasi mu gihugu gutyo intahe twaronse ishobore gutsimbatara.


PPB

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.