IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Bob Marley yakwije imyaka 70 y’amavuko, ivyaranze ubuzima bwiwe

Bob Marley yakwije imyaka 70 y’amavuko, ivyaranze ubuzima bwiwe

vendredi 6 Ruhuhuma 2015

Bob Marley ni umuririmvyi w’umudiho wa Reggae yamenyekanye cane kw’isi kubera ubutumwa yagiye atanga mu ndirimbo ziwe

Robert Nesta Marley azwi cane kw’izina rya Bob Marley, uno munsi yakwijije imyaka 70 y’amavuko, abantu bakaba bacibuka indirimbo ziwe hamwe n’ubutumwa yatanga naho yapfuye.

Bob Marley ni umuririmvyi w’umudiho wa Reggae akomeye cane kandi yagiye amenyekana, yavutse igenekerezo 6 Ruhuhuma 1945 mu gihugu ca Jamayika. Bob Marley yavutse mu muryango ukenye cane, se wiwe yari umuzungu yitwa Narval Marley hama nyina wiwe yaturuka mu gihugu ca Jamayika yitwa Cedella Marley. Mu nyuma yagiye kubona ko akunda kuririmba mbere agenda no kwiga ivyigwa bijanye n’umuzika.

Mu mwaka w’1960, Bob Marley yarahuye n’abagenzi maze baramukundisha akaranga kabo kaba rasta mbere nawe nyene araba umurasta. Muri uwo mwaka hamwe n’abagenzi biwe BunnieBunny Wailer na Winston Hubert McIntosh hamwe na Peter Tosh, Bob Marley yaratanguje umurwi wo kuririmba witwa The Wailers hamwe n’umugore wiwe Rita Marley.

Ku myaka 17 y’amavuko gusa, Bob Marley niho yasohora indirimbo yiwe ya mbere yitwa "judge not" bisigura ntugace urubanza mugabo ni mu mwaka w’1976 hamwe n’indirimbo yiwe yitwa "No Woman, No Cry" Bob Marley yamenyekanye cane hamwe n’umudiho yaririmbiramwo wa Reggae. Indirimbo ziwe zagiye zikundwa cane kw’isi yose harimwo zimwe zitwa "Get Up,Stand Up", "I shot the Sheriff", "Burnin and Lootin".
Muri ico gihe Bob Marley yabaye umuvugizi w’umuryango yarimwo wa ba rasta aho akaranga kabo kagiye karakwiragira kw’isi yose tutibagiye n’indirimbo ziwe.

Ubugeni bwa Bob Marley na Rita Anderson
Nyina wa Bob Marley, Cedella Marley

Mu mwaka w’1966, Bob Marley yarakoze ubukwe n’umugore wiwe Rita Anderson. Mu nyuma yagiye kubonana na nyina wiwe bari batandukanye afise imyaka 5 atwawe na se wiwe mu gisagara kugira amushire mw’ishure.

Bob Marley amaze kumenyekana cane kw’isi yose, yaragwaye indwara ya Cancer biturutse ku gikomere co ku kuguru yagize mu gihe yariko arakina umupira w’amaguru mu mwaka w’1977. Bob Marley yararwaye cane mu nyuma arapfa igenekerezo rya 11 Rusama mu mwaka w’1981 muri Reta nzuze ubumwe z’amerika mu gisagara ca Miami nubwo yari yipfuje gupfira mu gihugu ca Ethiopia mu gihe yari asanzwe ari mw’idini ry’aba Orthodox bo muri Ethiopie.

Amajambo yaranga Bob Marley yari Ubumwe n’amahoro kw’isi yose.

Ubu Bob Marley ni igihangange, akaba yarubatse amazina akomeye ku rwego rw’isi, gushika ubu akaba ari umuririmvyi akomeye cane kandi yagiye aramenyekanisha umudiho wa Reggae kw’isi yose. Bob Marley arongera akaba umuririmvyi wa mbere kw’isi yashoboye kugurisha indirimbo zingana n’imiriyoni 200 zo mu mudiho wa Reggae.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.