IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Tanzaniya yahagaritse kwakira impunzi z’abarundi bahunga mu mirwi

Tanzaniya yahagaritse kwakira impunzi z’abarundi bahunga mu mirwi

samedi 28 Nzero 2017, par Jean de Dieu M.

Umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe imigenderanire Mwigulu Chemba amenyesha ko ata mpunzi z’abarundi zizosubira kwakirwa muri ico gihugu zije mu murwi,ariko ko bazokwakira impunzi imwimwe ku gatwe kayo.

Mu mubonano wahuje Buramatari w ‘intara ya Makamba n’umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe imigenderanire,uwo mushikiranganji yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe,kuko hari abasaba ubuhungiro kandi vy’ukuri badakenewe gukingirwa no kuronka aho baba bari mu gihugu atari icabo.

Umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe imigenderanire Mwigulu Chemba yavuze ko ubwa mbere,umuntu umwe yashobora kuvuga ku gatwe k’umurwi w’abantu ariko ubu atariko bizobandanya ,kuko umwe wese azovuga ku gatwe kiwe.

Mwigulu Chemba yavuze ko hari imiryango y’abarundi canke abandi bantu baba bataronse umwimbu mwiza,kubera ugutinya inzara bagaca bikika inyuma y’umutekano muke,bakagenda kuba mu gihugu ca Tanzaniya.

Icegeranyo c’ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi HCR cerekana ko abarundi 364723 aribo bamaze guhungira mu gihugu ca Tanzaniya kuva mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015.


IGIHE

Messages

  • DD barayitahuye ko ari ibinywamaraso, none ko Kagame, Kabila, Magufuli bose batumvikana na Peter bizogenda gute?Cholera n’Umwanda biratumara ndaq

  • Mbese ntakuntu HCR yokwemera ikazirakira abahunze inza?
    Kuko mwikigihe aha iwacu Burundi harinzara nyishi, ivyorero biratuma abarundi bahitamwo guhunga kandi kubera bavuze kobahunze inzara HCR ntiyobakira, kubwivyorero bacabahitamwo kuvuga ivyo HCR ikunda maze bakavugango Imbonerakure zagomba kutwica, abandi ngo jewe kubera ntemera ikiringo ca 3 cumukuru wu Burundi ngondabangamiwe nibindi bicurika bigacuranura reta yu Burundi, murumvanyene baremera bakaba ba mpemuke ndamuke kugira baronke uburenganzira bwogutangura guhabwa utwotugori baha impunzi.

  • Nivyo Uwo Mushikira Nganji Ntiyihenze Abahunga Bahunga Inzara .

  • @Hasfa Mossi, nubwo warikuba utabeshe ivyo uvuze ntanakimwe vyodukoze kuko murabowavuze nasanze utavuzemwo Yezu ko nawe yaduhevye. Amen.

  • Reka twemere ko bahunga inzara. none namwe mutekereje iyo nzara itegwa niki? sumutekano muke mufise muburundi.ahubwo mwemereko abarundi mwibomorerako nk’impene.

  • nukuri twrhwejeje impunz ziva muburundi nyish zihunginyara hanyuma zamara gushika muri tanzania zikabesha ngo muburind harihintambara nukuri igihugu cuburundi kiratekanyd gose kuva aho nyakubahwa prezida nkurunziza pie’rre agiriye kuntwaro turatekanye hubwo nibabe bavuga kobomown ninzara bareke guteza urubwa igihugu cacu hubwo nimubahimirize basubire mugihugu cabo kuko nkongah hariho abakora ikibi bagaca biruka mugihugu ca tanzania jewe nico ciyinciro narinfise murakoz

  • nukuri twrhwejeje impunz ziva muburundi nyish zihunginyara hanyuma zamara gushika muri tanzania zikabesha ngo muburind harihintambara nukuri igihugu cuburundi kiratekanyd gose kuva aho nyakubahwa prezida nkurunziza pie’rre agiriye kuntwaro turatekanye hubwo nibabe bavuga kobomown ninzara bareke guteza urubwa igihugu cacu hubwo nimubahimirize basubire mugihugu cabo kuko nkongah hariho abakora ikibi bagaca biruka mugihugu ca tanzania jewe nico ciyinciro narinfise murakoz

  • Harabaseng bisenger nabaseng bipfuriz inab aband ukab ubon urr umerew nez ntamudugarar harabaryam bavug ntibuc ninyegz bakanak nukw rer umwewes ashim ukwar ark turk gut insak.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.