IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Judo > Uburundi bugiye kwakira ihiganwa rya Judo ku bakiri bato ku rwego rwa (...)

Uburundi bugiye kwakira ihiganwa rya Judo ku bakiri bato ku rwego rwa Afrika

jeudi 15 mars 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ntwarante 2018, umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama Jean Bosco HITIMANA, avuga ko,abakinyi barenga 300 ba Judo hamwe n’ababaherekeje barenga 150, bavuye mu bihugu 35 aribo bazokwakirwa mu Burundi, bahamare iminsi 10.

Jean Bosco HITIMANA amenyesha ko izo nkino zizofasha mu bijanye n’ubutunzi, kuko abazozitaba bazokwinjira mu gihugu, bafate amaze yakira ingenzi, kandi bagure n’ibindi bikoresho , bakoresheje amafaranga y’agaciro.

Ku gisata c’urwaruka, umushikiranganji Jean Bosco HITIMANA avuga ko izo nkino zizotuma urwaruka rwijukira inkino zo kunonora imitsi, kandi kabe n’akaryo ko guhurira hamwe bigishanya bongera banywana.

JPEG - 104.8 ko
Jean Bosco HITIMANA, Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama

Izo nkino zizofasha kuronka abakinyi b’urukino rwa Judo bazoja mu nkino mpuzmakaungu z’urwaruka zizobera I Buenos Aires mu gihugu ca Argentine mu mwaka wa 2018, hamwe n’inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi zizobera I Tokyo mu Buyapani, mu mwaka wa 2020.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.