IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi utahanye amanota atatu

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi utahanye amanota atatu

samedi 10 Ruheshi 2017

Kuva urukino rutangura umurwi nserukiragihugu w’Uburundi werekanye ko waje gukina urukino ukeneye intsinzi ,kuko ku munota wa 10 gusa kizigenza w’umurwi Yamin Selemani yateye umupira uca hirya gato y’izamu ry’umurwi wa Sudani y’Ubumanuko.

JPEG - 102.7 ko
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba

Ku munota wa 12, umukinyi Amissi Cedrick akina mu gihugu ca Portugal yari yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi , haheze iminota ine gusa,umukinyi Gael DUHAYINDAVYI yinjiza igitsinzo ca kabiri ku mupira yateye ari nko ku metero 30.

JPEG - 31 ko
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bigina intsinzi

Urukino rwabandanije umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wifatiye urukino, ku munota wa 32 umukinyi Fiston Abdulazak yasa nuko atariko arabona igori, yinjije igitsindo ca gatatu c’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.

JPEG - 95.4 ko
Umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko

Gushika ku munota wa 45 w’igice ca mbere,umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko ntiwari bwerekane ko ushobora gutsinda umurwi nserukiragihugu w’Uburundi,igice ca mbere c’urukino gica gihera ari ibitsindo bitatu vy’Uburundi ku busa bwa Sudani y’Ubumanuko.

Igice ca kabiri

c’urukino catanguye umurwi wa Sudani y’Ubumanuko yerekana ko ije ishaka kugombora ibitsindo, ariko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bagumye bigenza neza bararonka uburyo bwo kwinjiza naho bataronse ibitsindo.

Igice ca kabiri caheze umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba ata gitsindo uronse,urukino ruca ruhera ku ntsinzi y’ibitsindo bitatu vy’Uburundi ku busa bw’umurwi wa Sudani y’Ubumanuko.

Olivier NIYUNGEKO:Impinga iracari ndende tuzobandanya kwitegure

Ku ruhande rw’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Olivier NIYUNGEKO arashima ko urukino rwagenze neza kuko bibonekera ku ntsinzi baronse.

JPEG - 49.2 ko
Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO

Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO ati:«Uravye ingene twateguye urukino kuva kw’igenekerezo rya 22 Rusama 2017 ,twisunze ingene bakina imipira miremire,twabwiye abakinyi ko mu minota 15 ya mbere boba batsinze kandi twatsinze ibitsindo bibiri arivyo vyazanye icizere. Impinga iracari ndende tuzobandanya dutegura kugira tubandanye gutsinda.»

Ati :«Muri aya mahiganwa biba vyiza iyo utsinze vyinshi kuko bitanga akarusho,akavuga ko urukino rwa mbare rwama rugoye,uko biteguye n’ingene bashitse batevye vyatumye babikorerako kugira bategure inkino zikurikira.»

BILAL Felix Komoyangi:Ntaco novuga ku rukino rwo gusubiriza

Umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu wa Sudani y’Ubumanuko BILAL Felix Komoyangi yakeje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi , yemeza ko ari umurwi mwiza, aca amenyesha ko kuba bashitse amasaha make imbere y’uko urukino ruba bishobora kuba arivyo vyatumye batsindwa.

Ku kibazo co kumenya nimba mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko bazotahana intsinzi yavuze ati:«Ntaco nshobora kuvuga ku rukino rwo gusubiriza, gusa umupira w’amaguru ni umupira w’amaguru

Kizigenza w’umurwi nserukiragihugu Yamin Selemani NDIKUMANA yavuze ko intsinzi bayikesha ukwitanga kw’abakinyi, kandi bagerageje gukurikiza ivyo basabwe gukora n’umumenyereza. Asaba abarundi bose kuza kubashigikira mu rukino rukurikira kuko batanguye neza kandi bakeneye gushigikirwa.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uri mu murwi umwe n’Umurwi wa Sudani y’Ubumanuko, Gabon na Mali, mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu CAN 2019 rizobera mu gihugu ca Cameroun.

JPEG - 78.3 ko
Abakinyi binjira mu kibuga imbere y’urukino
JPEG - 69.4 ko
Umunezero w’abakunzi b’Intamba mu Rugamba

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.