Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umtekano no gukinga ibiza, amenyesha ko amakuru amaze iminsi avuga ko hari abantu biba abana ari ibihuha vyama bizanana n’amatora, mu ntumbero yo gutera ubwoba abanyagihugu. Pierre NKURIKIYE asaba ko uwozimiza umwana wese yoca yitura abajejwe umutekano kugira bamufashe kurondera umwana yazimiye.
Accueil > Mots-clés > IGIHE_Homepage_Management > MainSlideNews
MainSlideNews
Articles
-
’’ Mu gihe c’amatora hamye havugwa ibihuha’’-Pierre NKURIKIYE
9 mai 2018 -
Ibiharuro mfatakinza : Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, Oya ku majwi 19,6 kw’ijana
18 mai 2018Inyuma y’ibiharuro vyatororokanijwe mu ntara zose vyerekana ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ibiharuro vy’umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, vyerekana ko Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,6 kw’ijana, mu ntara 18 zigize igihugu.
-
Abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro
17 May 2018Kuva isaha icumi na zibiri z’igitondo kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018 abarundi bazindukiye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Mu gisagara ca Bujumbura, abantu batari bake bazindutse gutora, bakaba bamenyesheje ko bazindutse kugira baje mu mirimo ituma bibeshaho, bahejeje gutora.
-
Ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora vyatanguye kuja ahabona
18 mai 2018Inyuma y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, mu ntara zitandukanye z’igihugu ibiharuro mfatakibanza vyatanguye kuja ahabona.
-
Umurwi CENI wongereje ikiringo co gutora amarakata y’itora
14 mai 2018Umurwi wigenga utegura amatora CENI, umenyesha ko ikiringo co gutora amakarata y’itora congerejwe gushika kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2018.
-
’’Bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano baraburagiza abitaba imyiyamamazo yacu’’
8 mai 2018Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, umushingamateka Agathon RWASA, avuga ko umurwi w’abantu wagiye ahabona ukavuga ko userukira Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi utazwi mu runani arongoye. Agasaba umukuru w’umurwi utegura amatora CENI gukoresha ubushobozi ahabwa n’amategeko, mu guhagarika ico cose kiriko gihungabanya imyiyamamazo y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi mu gihugu cose.
-
Abanyagihugu batanguye gutora amakarata aranga uwutora
9 mai 2018Kuva kur’no wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro batanguye gutora amakarata y’itora aho biyandikishirije. Mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati, ico gikorwa catanguye.
-
Cibitoke : Abantu 26 baguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
12 mai 2018Abantu 26 nibo bitavye Imana, abandi 7 barakomereka mw ‘ijoro ryo kur’uno wa gatanu igenekerezo ray 11 Rusama 2018, mu gitero c’abantu bitwaje inkoho n’imipanga cabereye ku mutumba Ruhagarika, wa komine Buganda, intara ya Cibitoke.
-
Abiciwe mu gitero co mu Ruhagarika bashinguranywe iteka
15 May 2018Abantu 26 bitavye Imana mu bwicanyi bwabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, Intara ya Cibitoke, bashinguranywe iteka kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Rusama 2018. Ibirori vyitabwa n’abarongozi bo mu gihugu, muri abo harimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE.
-
Abatowe mu Mizero y’Abarundi basaba Reta kudahungabanya ibikorwa vy’Urunani mu matora
16 mai 2018Mu gihe kur’uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, hategekanijwe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi usaba Reta guhagarika ihohoterwa n’ibikorwa vyose bifise intumbero yo guhungabanya Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, mu bijanye no gukurikirana amatora y’ibwirizwa nshingiro.