IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abaganga bo mu gice ca gatatu c’amashure ya kaminuza bahagaritse (...)

Abaganga bo mu gice ca gatatu c’amashure ya kaminuza bahagaritse yegereyegere

jeudi 20 Munyonyo 2014

Abanyeshure bo mu gisata c’ubuvuzi mu gice ca gatatu c’amashure muri kaminuza y’ Uburundi, bahisemwo guhagarika yegereyegere bari batanguye, nk’uko bigaragara mw’ikete bandikiye umuyobozi wa kaminuza y’ uburundi Gaston Hakiza.

Muri iryo kete ryo kuwa 19 Munyonyo ryatewe ko igikumu na Pacifique Njejimana aserukira abo banyeshure, abo baganga bandikira umuyobozi wa kaminuza y’ Uburundi bamumenyesha ko bafashe iyo ngingo yo guhagarika iyo yegereyegere, kuko mu nama bagiranye n’uwusanzwe arongoye ico gisata ( Doyen) hamwe n’abarongoye ibindi bisata vyose bitandukanye ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled, babemereye kubafata mu mugongo. Abo banyeshure bamenyesha ko bafashe iyo ngingo kandi mu ntumbero yo guha ikibanza ibiganiro, bizera ko hazovamwo inyishu nziza, iyo ngingo nayo ikaba yafashwe mu nama idasanzwe ya bose.

Tubibutse ko abo banyeshure bari batanguye yegereyegere ku munsi wa kabiri, kubari mu mwaka wa mbere, bishuza agafashanyo kabo kaburi kwezi k’ibihumbi mirongo irindwi, gushika n’uno munsi batarigera baronka n’igiceri. Ikindi cari cabatumye bahagarika n’uko abo mu mwaka wa kabiri basaba kurungikwa kunonosora amashure yabo mu mahanga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.