IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abanyagihugu bo mu Gatunguru barashima imfashanyo bahawe na (...)

Abanyagihugu bo mu Gatunguru barashima imfashanyo bahawe na ECONET

mercredi 18 Ruheshi 2014

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ECONET ryaratanze kuri uwu kabiri imfashanyo y’amatara ngira kamaro ku banyagihugu bo mu Gatunguru, mu ntumbero yo gufatana mu nda no gushigikirana. Abo banyagihugu basabwe kubungabunga iyo ngabire.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ruheshi 2014, amatara angana 500, afise agaciro k’imiriyoni 74 z’amarundi yatanzwe n’ishirahamwe ECONET ku banyagihugu bacitse kw’icumu muri ya mvura yica ibintu n’abantu mu Gatunguru. Iryo tara rikoreshwa n’imishwarara y’izuba, rifise akamaro ntangere. Iruhande yo kubonesha amasaha ashika kuri 20, ririmwo iradiyo, kandi ririnjiza umucanwa muri za ngendanwa.

Nk’uko bivugwa na Nahimana Jonathan ajejwe ibibazo vy’ubutungane muri ECONET, ayo matara yatanzwe mu ntumbero yo gufasha muvy’imibano nk’uko biri mu migambi y’ishirahamwe ECONET. Jonathan ati :" Umuntu atanga ico afise, aya matara dutanze afise akamaro ntangere kandi aranazimvye, dusaba abo bayaronkejwe kuyafata neza, ntituze tuyasange kw’isoko aho bukera."

Ibirori vyo gutanga iyo mfashanyo vyari vyitabwe na bamwe mu barongozi ba ECONET hamwe n’abandi bategetsi batandukanye. Abo bose barashimiye iryo shirahamwe ku mutima wo gufashanya ryerekana kuko nta shirahamwe na rimwe muyo gutumatumanako amakuru ryari bwabarengukeko. Abo banyagihugu bahawe iyo ngabire barashimye ku giti cabo. Ivyo vyaboneketse mu gutambira abo bashitsi bari babagendeye.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.