Accueil > Imibano > Abarwariye mu kigo CNPK 30 barihiwe amafaranga y’ibitaro na Kazoza (...)
 Abarwariye mu kigo CNPK 30 barihiwe amafaranga y’ibitaro na Kazoza Finance
 Abarwariye mu kigo CNPK 30 barihiwe amafaranga y’ibitaro na Kazoza Finance
				
				mercredi 18 Kigarama 2013
Ikigo kiraba abarwayi bo mu mutwe CNPK ( Centre Neuropsychiatrique de Kamenge) caraye kironkejwe imfashanyo y’amafaranga agera ku miriyoni cumi y’amarundi n’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana “Kazoza Finance”.
Mu kwifatanya n’abafise ingorane zo mu mutwe bo mu kigo CNPK, kuri uyu wa kabiri wa 17 Kigarama 2013, ishirahamwe Kazoza Finance ryaratanze imyashanyo y’amafaranga, mu guterera abarwayi bagera kuri 30 batari bafise ukungene basohoka ibitaro vy’ico kigo. Frere Hypolyte Manirakiza, umuyobozi w’ikigo CNPK yamenyesheje ko ari umunezero ntangere, na cane cane kuri abo barwayi 30 bagiye gusubira mu miryango yabo. Amahera atanzwe n’ishirahamwe Kazoza Finance, akazofasha kandi kuri abo barwayi, kuronka imiti bazobandanya bafata n’inyuma yo gusohoka ibitaro CNPK.
Inyuma y’iyo mfafashanyo igera ku miriyoni cumi y’amafaranga y’amarundi, ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance ryatanaze n’ibahasha y’amafaranga kuri abo barwayi yo kuzoshobora kwiyunguruza mu gihe basubiye mu miryango yabo. Mwomenya ko n’ikigo CNPK cemeye gutanga igice c’ayo mafaranga kuri abo barwayi 30 bagiye gusohoka ibitaro vy’ikigo CNPK co mu Kamenge.
Mariella Bukuru
