IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Rugby > Afrika y’Epfo: Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Rugby yagirizwa (...)

Afrika y’Epfo: Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Rugby yagirizwa gukumira abirabure

mardi 1er Nyakanga 2015

Umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Afrika y’Epfo mu rukino rwa Rugby Springboks witeguye kuja mu nkino z’isi zizobera mu gihugu c’Ubwongereza mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga,uragirizwa kuba udaserukira igihugu kuko ugizwe n’igitigiri kinini c’abazungu gusumba abirabure.

Ku bakinyi 31 bacaguwe ngo baserukire igihugu,umunani gusa nibo ari abirabure canke bafise urukoba rucanze rw’abirabure n’abazungu.Haraheze imyaka 20 haheze intwaro ya karyanisha miryango mu gihugu ca Afrika y’Epfo ariko,ikibazo c’abakinyi baseruka cama gituma havugwa vyinshi.

Umugambwe utavuga rumwe na Reta Agence pour un Nouvel Agenda (Ana) ubicishije ku mukuru wawo Edward Mokhoanatse,waramaze kwitwara mu butungane aho umenyesha ko uzosaba sentare ikamenyesha ko uko umurwi nserukira gihugu watunganijwe bitisunze ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.

Umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu wa Rugby yamaze kwisigura,aho yavuze ko adacagura abakinyi kubera irangi ry’urukoba rwabo,ariko abacagura bivanye n’ingene bashoboye gukina.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.