IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Amashuha yo ku Ruhwa akwiye gutunganywa neza

Amashuha yo ku Ruhwa akwiye gutunganywa neza

mardi 3 Nyakanga 2013

Biravugwa ko amazi y’amashuha ari umuti uvura indwara zitari nke, ariko si benshi bategera ingene avura kandi hari n’abadashobora kumenya aho ari no kuhashika, canke naho ugasanga si ahantu hateguwe neza ku buryo umuntu yoyiyogamwo, kuko usanga adasukuye canke agategamwo ibintu bituma umuntu atinya kuyakoramwo kandi ntamenye n’uburebure bw’ibinogo birimwo ayo mazi uko bungana.

Aho ni nko ku mashuha ari i ruhande y’uruzi Ruhwa muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, ahari urubibe Uburundi buhana n’Urwanda. Ababa mu micungararo bagasaba ko hotunganywa neza kugira hashobore kugenderwa na benshi n’abahadandariza baronke akarusho kuko bizera ko hoca hagenderwa n’ingenzi nyinshi, zoshima zikanagura ivyo zohasanga. Ayo mashuha ari mu Buseruko bw’urugo rw’ibiro rusangi vyo ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda aho ingenzi zuzuriza ibiziranga n’ibizigenza. Ari ku nkombe y’uruzi Ruhwa iri ku ruhande rw’Uburundi. Abubatse ivyo biro baragerageje guca akayira gashikana kuri ayo mashuha ariko ntawukurikirana abahagendera ngo amenye ico baja gukorayo n’ivyo boba bakeneye. Ababa mu micungararo bakaba basaba ko ayo mazi y’amashuha yotunganywa neza kugirango hakwegakwege ingenzi nyinshi nabo bashobore kuronka ingoga zo kurondera ibihingurirwa muri iyo ntara, n’ibidandazwa vyohurumbirwa n’izo ngenzi.

Ayo mashuha adudubiriza mu bibanza bitandukanye, bitatu muri vyo bikaba vyarubakiwe imizingi ibikikuza kandi haraciwe n’uturingoti dutuma amazi avamwo aja aratembera mu Ruhwa, ariko amazi yaho aguma asa nabi kuko adatemba bikwiye, kandi hejuru yayo usanga hari urubobi canke ibintu bisa n’umuhondo, bamwe bakavuga ko biranga ahari amashuha (soufre) canke ko hashobora kuzokwaduka ibirunga. Vyongeye usanga hafi y’ivyo binogo hasanzaye amoya y’inkoko baja kuhamongorera, hakaba n’abaja kuvoma ayo mazi y’amashuha canke ayo muri urwo ruzi kandi biboneka ko yose asa nabi. Ababa hafi y’ayo mashuha bifuza kuronka amazi meza.

Bagenzi bacu bikinyamakuru Ubumwe bandika ko babajije abakora mu bunywero buhegereye aho bakura amazi bogesha amasahani, bakoresha kuko botsaho n’inyama, bavuga ko bavoma ayo mashuha bakaba ari yo bogesha, bakanywa amwe, ayandi acuruzwa mu macupa kuko ata mazi meza asanzwe ahari. N’umwe mu bakora muri ivyo biro rusangi vyo ku mupaka avuga ko bafise ingorane z’amazi kuko n’itangi ihari yategekanijwe kubikwamwo amazi ngo isa n’iyigaragara kuko barimvye gushika ku metero 25 uja mu kuzimu kugira barabe ko boronka amazi meza ariko basanze arimwo umunyu mwinshi cane ushobora no kwonona imiringoti ishikana ayo mazi muri iyo tangi n’iyiyajana mu mazu.

Aho rero hari inzu 10 nziza zibamwo abakorera muri ivyo biro, 5 zikaba ari iz’abarundi, izindi 5 zikaba zibamwo abanyarwanda. Ikindi basaba ni uko ikibazo c’amazi cotorerwa umuti kuko abanyagihugu bavoma ayo mu ruzi Ruhwa no muri ayo mashuha bayakoresha batabanje kuyateka, ayo nayo akaba ashobora kubakwegera akarambaraye, narirya hakunda kwibonekeza indwara zituruka kw’isuku rike, ritumwa ahanini no gukoresha no kunywa amazi mabi. Abo mw’ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi (REGIDESO) bari bamaze iminsi baraba ingene boronsa amazi meza abanyagihugu, kumbure n’abo bayifuza azobashikira.


Joel Sengurebe

Messages

  • Vyukuri hamwe ayo mashuha boyubakira neza ingenzi zoza ari nyinshi kuhagendera tukaronka namahera y’agaciro. Jewe narashoboye kuhagendera hari le9/5/2014 naranezerewe cane. Hari akantu ingenzi zivuye mumahanga zonezerwa kurusha.

  • Vyukuri hamwe ayo mashuha boyubakira neza ingenzi zoza ari nyinshi kuhagendera tukaronka namahera y’agaciro. Jewe narashoboye kuhagendera hari le9/5/2014 naranezerewe cane. Hari akantu ingenzi zivuye mumahanga zonezerwa kurusha.

  • Ibibibaza benivybirakwiye kugarukirwa narirya bisanzwe bifasha n,abantu beshi nkikibanza kiri KUMUGARA Kirimwo ayomazi Nikindi kiri IBURURI Ivyobibanza Vyari bikwiye kwitabwaho kurushwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.