IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > course > Asaba ashimitse ko Uburundi bwoserukirwa n’abanonotsi babishoboye

Asaba ashimitse ko Uburundi bwoserukirwa n’abanonotsi babishoboye

lundi 14 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe ry’abanonotsi ryo mu gisagara ca Bujumbura ryaratunganije amahiganwa ahuza imirwi yo mu ntara ihurikiriye muri iryo shirahamwe. Imirwi ishika kuri 11 niyo yitavye ayo mahiganwa yo gutora abanonotsi bazoja guserukira Uburundi mu makungu.

Ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore haraye habereye amahiganwa yo kurondera abanonotsi bazoja guserukira Uburundi mu mahiganwa yimirije mu Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ahandi. Imirwi y’abanonotsi yo mu ntara zo hagati mu gihugu ishika 11 ihurikiye mw’ishirahamwe ry’abanonotsi ryo mu gisagara ca Bujumbura (Association Municipale d’Atlétisme de Bujumbura : AMABU) rirongowe n’umunonotsi Dieudonné Kwizera batazira Muvuduka.

Mw’ijambo ryiwe, Muvuduka yarahagaze cane kwikumirwa ry’abanonotsi riherutse kwibonekeza aho habura abaserukira Uburundi mu mahiganwa yariko abera mu gihugu c’Ubuganda, bitumwe n’uko abarongoye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi bagomvye gutwara abanonotsi batabikwiye hanyuma ubushikiranganji bubijejwe bukabankira.

Muvuduka wewe abona ko Uburundi bwoserukirwa n’abanonotsi babishoboye kandi bamaze kuvyerekana. Yaciye atanga akarorero nk’umunonotsi Irabaruta Olivier yiruka imetero 5000 (5000m) amaze guseruka mu makungu kandi akaronka ikibanza ciza, ariko atari yashizwe ku rutonde rw’abari kuja mu Buganda. Yarangije asaba abanonotsi kubandanya barondera kugira umwanya mwiza kugira baze bashike kure.

Bamwe mu banonotsi bashoboye kuronka umwanya mwiza muri iryo higanwa bararonkejwe ubushimwe co kimwe n’abarongoye amashirahamwe uko bagiye bararushanya. Bamwe mu banonotsi babaye aba mbere ni nka: Irabaruta Olivier yiruka imetero 5000 yagize umwanya ungana iminota 13’ 47" na Nimbona Evanie nawe nyene yiruka izo metero yagize umwanya iminota w’17’ 20" n’abandi batandukanye mu metero zitandukanye.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.