IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > NIYOYANKANA yoba ashigikiwe n’abavuga ko bahagaze hagati mu matati ya (...)

NIYOYANKANA yoba ashigikiwe n’abavuga ko bahagaze hagati mu matati ya UPRONA

vendredi 25 Mukakaro 2014

Ukutumvikana ku burongozi bwa UPRONA hagati y’uruhande rw’umushingamateka Karori Nditije na Concilie Nibigira yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kurabandanya. Haheruka kuvuka urundi ruhande rwa gatatu rw’umushingamateka Bonaventure NIYOYANKANA ashaka uburongozi bwa UPRONA, bikavugwa ko yoba ashigikiwe na bamwe mu bigeze kuba indongozi mu mugambwe no mu nzego z’igihugu.

Umushingamateka Bonaventure Niyoyankana yandikiye ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amumenyesha ko ashaka kugaruka kurongora umugambwe wa Rwagasore, mu gihe uwo yawusigiye Concilie NIBIGIRA, amwagiriza ko vyamunaniye guhuza Abadasigana. Amakuru yo kwizerwa dufise avuga ko umushingamateka Bonaventure NIYOYANKANA ashigiwe n’umurwi w’abavuga ko bahagaze hagati y’uruhande rwa NDITIJE n’urwa Concilie NIBIGIRA. Uwo murwi ukaba ugizwe na Sinunguruza Thérence, Martin Nduwimana, bompi bahoze mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Pontien Niyongabo asanzwe ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, hamwe n’abandi.

Muri iryo kete ryo gusaba uburongozi bw’umugambwe UPRONA, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure aributsa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard NDUWIMANA, imvo yamutumye ubwa mbere yanka kurongora umugambwe UPRONA, imvo asigura ko zari zijanye na poritike yari mu gihugu ico gihe. Niyoyankana akaba abandanya avuga ko umugambwe UPRONA yari yawusigiye Concilie Nibigira, kuko yari yibaza ko azoshira imbere ukunywanisha Abadasigana, Bonaventure NIYOYANKANA akabona ko atarivyo ariko arashira imbere ubu, ahubwo akabona ko ariko ashaka gushiraho ibaba rindi ry’umugambwe wa Rwagasore, mu gutumako inama rukokoma ataho yanditswe na hamwe mu mategeko y’umugambwe w’Adasigana, ndetse agatumira abazoyitaba, abanje kubinyegeza abandi baporona.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyuma y’ukurungikirwa urwo rwandiko, yamenyesheje ko NIYOYANKANA Bonaventure atari kumwandikira, kuko atariwe atanga uburongozi bw’umugambwe UPRONA. Kubwa Edouard NDUWIMANA, ingorane ziri mu mugambwe UPRONA zotorerwa inyishu n’abadasigana ba UPRONA bonyene, ari naco gituma bari bakwiye kuja hamwe bagatorera umuti ibibazo bafise hagati yabo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • abo badasigana nimba bariko barakina ivyese?

  • ABADASIGANA, ABASHINGANTAHE BATAYE UMUTWE,KANDI NTIBAKWIYE GUTANGAZWA NIBIRIKO BIBASHIKIRA, KUKO RUSIFERI YABASAVYE NGO ABAGOSORE!!!!!!!!!!!!! IVYO NAVYO BIKABA ARI UBUHANUZI BUBASHITSEKO, KUKO ABASENZI BAVYERETSWE!!!!!!!!!!!! KUVA MURI 2005 ABASENZI BAGUMA BASENGA BAKORA, BAKORA BASENGA!!!!!!!!!!!!!!!! ABADASIGANA CANKE ABASHINGANTAHE BAFISE UBWENGE, BARI BAKWIYE KUJA KWIHANA BAKATURA IVYO BAKOZE 1965, 1972, 1987, 1991 NA 1993 GUTRYO IMANA IBABABARIRE NAYAHANDI BAZOPFA BIYAHUYE CANKE BANGARA NKAKUMWE KWA YUDA. HAHAHAHAHAHAHAHA ABASENZI MUKOMEZE GUSENGA KANDI MUKORA, MUKORA MUSENGA.

  • Burya ntakibi kivyara ivyiza,rwagasore mwaragandaguye,ndadaye mwaragandaguye,Ntibantunganya mwamuteyeamazirantoke,abarundi isinzi mwaragandaguye ,none mwogira amahoro gute hagati yanyu.mbega ko nahora numva ngo mwarize ,mwonanigwa gute no gutorera umuti ingorane zihanze umugambwe wanyu?Munanirwa kwitunganya ,mwoshobora gutunganya ivyigihugu gute?nagombe mvunire akagohe abari kubutegetsi ubu ,ko kwica ,kwiba ,kwangaza ,gufungira abantu busa bitera umuvumo ,nibarabe ba sekuru babo Uorona ivyo barimwo .nobasaba ko bokwirinda uyo muvumo.

  • komwavuze ngo aha ntibahatukanira akaba arivyo mbona.Ntivyubaka birasambura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.