Accueil > Imibano > Bubanza: Ubutegetsi bwahagurukiye ingeso yo guharika
 Bubanza: Ubutegetsi bwahagurukiye ingeso yo guharika
 Bubanza: Ubutegetsi bwahagurukiye ingeso yo guharika
				
				samedi 26 Nzero 2013
Abagore baharitswe bahawe amezi atarenga atatu kugira babe bavuye mu ngo zitari izabo. Iyo ngingo yafashwe na buramatari w’intara ya bubanza Anselme Nyandwi mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro bo ku mitumba yose y’iyo ntara.
Iyo ngingo ije yunganira iyindi yari yafashwe na buramatari w’iyo ntara ya bubanza mu kwezi kwa munyonyo mu mwaka uheze, mbere kuva ico gihe hamaze kwirukanwa abagore bari kw’ihari bagera kw’120. Abajejwe intwaro basabwa kuja mu ngo zose zirimwo abagore baharitswe kugira babirukane bongere babake impapuro zo muri komine z’ubugeni abagabo bose baharitse.
Amakomine ya Musigati na Bubanza niyo aza kw’isonga mu guharika. Abagabo bo muri ayo makomine iyo baharitse akenshi baca bimukira mu yandi makomine bakajanayo n’abagore babo ba kabiri canke ba gatatu.
Amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi amenyesha ko ashimishwa n’iyo ngingo iherutse gufatwa n’abategetsi b’intara ya Bubanza kuko ngo ingeso y’uguharika ari kimwe mu bihonyanga agateka k’umukenyezi. Mu gihe ata mategeko ariho abuza uguharika mu Burundi, abajejwe intwaro mu ntara ya Bubanza basaba inama nshingamateka gushiraho amategeko ahasha ingeso y’uguharika.
Intara ya Bubanza iri muza mbere zirangwamwo uguharika mu gihugu c’u Burundi. Kenshi na kenshi bikunda kuba mu gihe c’iyimbura ry’umuceri. Abagabo baronse amafaranga menshi ntibasubira kubumbwa n’umugore umw’umwe kandi abakenyezi bo murI iyo ntara nta ngorane bibatera kuja kw’iahri n’ukuvuga kuba nk’umugore agira kabiri canke gatatu.
Iyo ngeso abajejwe intwaro bayihagurukiye hageze kuko ifise ingaruka mbi nyinshi nk’indyane z’amatongo, ubwicanyi hagati y’abana basangiye ba se ariko badasangiye ba nyina hamwe n’ukurogwa kw’abagabo bicwa n’abagore bubakanye biciye mu mategeko kuko babazwa n’uguhebwa kandi aribo basinyiraniye n’abagabo babo mu bitabo vy’amategeko mu makomine.
Eloge Willy Kaneza
