Accueil > Poritike > Burundi : Ikirangaminsi c’amatora uko azokurikirana
 Burundi : Ikirangaminsi c’amatora uko azokurikirana
  Burundi : Ikirangaminsi c’amatora uko azokurikirana 
				
				lundi 9 Ntwarante 2015, par
Amatora Uburundi bwimirije ategekanywa hagati y’ukwezi kwa Rusama n’ukwezi kwa Myandagaro uno mwaka.
Mu gihe aba n’abandi baguma babaza ikirangaminsi c’amatora twimirije muri uno mwaka w’2015, ikinyamakuru IGIHE cashimye kubibutsa ingene ayo matora azokurikirana.
Kw’igenekerezo rya 25 Rusama  uno mwaka hategekanywa amatora y’abashingamateka hamwe n’ayabahanuzi b’amakomine . 
ku wa 26 Ruheshi  uno mwaka hategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya mbere. 
Ku magenekerezo ya 27 Mukakaro hategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu incuro igira kabiri.
 Kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro  hategekanijwe ay’abakenguzamateka, hakazoherukira amatora y’abahanuzi b’imitumba n’amakaritiye kuwa 24 Myandagaro uno mwaka w’2015.
Tubibutse ko intonde z’abiyandikishije nazo zitegekanywa kumanikwa kuva kuwa 12 gushika kuwa 16 Ntwarante , iyandikwa kubatabishoboye ubwa mbere naryo rikaba ritegekanywa ku magenekerezo ya 17 gushika kuwa 19 Ntwarante.
Floxella Karire

Messages
10 Ntwarante 2015, 13:31, par juventus
murahumba basha! Ntimusubira gutwara uburundi! Vyanse mumwumvikano tuzoja mumigere!