IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Natation > Cassien Basogomba : "Ntitubizeje imidari kuko abadusumvya ni (...)

Cassien Basogomba : "Ntitubizeje imidari kuko abadusumvya ni benshi"

lundi 29 Nyakanga 2014

Abarongoye inkino zo gusiganwa mu kwoga (natation) baratunganijwe ihiganwa ryo gutora abazoja guserukira Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu yimirije. Urukino rwo gusiganwa mu kwoga (Natation) mu Burundi rufise ikibanza ciza muri Afrika no mu karere. Impinga iracari ndende kugira urwo rukino rushike ku rugero bita “minima”.

JPEG - 4.4 Mo
Cassien Basogomba

Abana barimwo abahungu n’abakobwa bamwe bari mu mashirahamwe y’urukino ryo gusiganwa mu kwoga, bari bahuriye mw’ihiganwa ryo gutora 3 bazoja guserukira Uburundi. Cassien Basogomba ntagaya ikibanza Uburundi bufise muri izo nkino agereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere. Akazi karacari kenshi kugira bashike kuco bita “minima”, hanyuma igihugu kije ku rugero mpuzamakungu. Cassien ati : ”ntitubizeje imidari kuko abadusumvya ni benshi ariko tugiye kubandanya turondera ibibanza vyiza”.

Cassien amenyesha ko bemerewe gutwara aboga 3 hamwe n’umumenyereza, iruhande yabo, hari n’umumenyereza azogenda gukarisha ubwenge. Abandi 3 ( abakinyi 2 n’umumenyereza) bazogenda kurorera. Muri abo 3, Cassien yamaze kuvuga ko hazogenda abahungu 2 n’umukobwa 1. Ivyo abisigura yishimikije ko abahungu aribo benshi muri abo bana bariko bahiganwa mu Burundi.

Cassien Basogomba abandanya amenyesha ko Reta bazoyisaba amahera y’impamba gusa, ibindi bizokogwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwoga. Arangiza asaba Reta ko yokwubaka ingomero (piscine) zayo kugira abakora mwene inkino zo kwoga baronke aho bimenyereza batarinze gusembera ku bikorera ivyabo bo bemera gutanga ingomero zabo ataco basavye.

Mwomenya ko ayo mahiganwa mpuzamakungu azobera mu gihugu ca Turquie mu gisagara ca DOWA, hazoba ari kuva kw’igenekerezo rya 3 Kigarama gushika kuri 7 2014 ukwo kwezi nyene.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.