IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ECONET LEO yatanguje hamwe na KCB ubuhinga bworohereza abanywanyi

ECONET LEO yatanguje hamwe na KCB ubuhinga bworohereza abanywanyi

mardi 5 Ndamukiza 2016, par egide

Amashirahamwe abiri ECONET LEO hamwe na banki KCB yagiye hamwe atanguza ubuhinga bw’ugukoresha canke ugushikira amafaranga abitswe muri banki ya KCB, hakoreshejwe terefone ngendanwa mu buryo bwa ECOCASH.

Umunywanyi wa ECONET LEO agiye gushobora gukura amafaranga muri konte yiwe yo muri KCB ayashira muri ECOCASH kugira ayakoreshe aho ari hose atarinze gushika ku biro vya banki, canke ayakure kuri ECOCASH ayashira kuri konte yiwe ya KCB.

JPEG - 49.2 ko
Gloria Nyambok, umuyobozi w’ibanki KCB (i bubamfu), ari kumwe na Emmanuel Hamez, Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ECONET LEO (i buryo)

Ishirahamwe ECONET LEO rimenyesha ko rizoshobora gushikira abanyagihugu bose bo mu gihugu c’Uburundi basanzwe bakoresha umuhora w’iryo shirahamwe.
Muri ubwo buhinga, umunywanyi wa ECONET LEO afise amafaranga muri banki KCB ntazorinda gushika muri banki kugira ashobore kuronka amafaranga akeneye, akazoshobora gukora ivyo ashaka vyose akoreshe terefone ngendanwa yiwe, ibizofasha mu kugabanya umwanya wahora ukoreshwa mu kuja ahakorera banki.

ECONET LEO izorihisha amafaranga mu gihe umunywanyi azoba akuye amafaranga yiwe muri ECOCASH ayashira muri konte yiwe yo muri KCB, ariko akaba azova ku mafaranga 50 gushika mu mafaranga ibihumbi bitatu, hamwe n’amafaranga atarenga igihumbi ku munywanyi azoba akuye amafaranga kuri konte ya KCB ayashira kuri ECOCASH.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ECONET LEO, Emmanuel Hamez, yamenyesheje ko ubwo buhinga ari bushasha mu Burundi, bukaba bugiye gukoreshwa n’abanywanyi b’iryo shirahamwe mu gihugu cose, akavuga ko hariho n’uburyo abarundi baba mu mahanga bakoresha barungika amafaranga mu Burundi hakoreshejwe ubuhinga bwa ECOCASH na WORLDREMIT

Gloria Nyambok, umuyobozi w’ibanki KCB yizeza abanywanyi ba ECONET LEO hamwe na KCB ko ubwo buhinga bwatangujwe buzoshobora gushikira n’abari mu bindi bihugu kuko iyo banki iri mu bihugu vyinshi vya Afrika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.