Accueil > Poritike > France : Intwaro mfatakibanza muri Burkina Fasso ibere akarorero (...)
 France : Intwaro mfatakibanza muri Burkina Fasso ibere akarorero Uburundi
 France : Intwaro mfatakibanza muri Burkina Fasso ibere akarorero Uburundi
				
				mardi 2 Ruheshi 2015
Intwaro mfatakibanza yo mu gihugu ca Burkina Fasso ikwiye kubera akarorero Uburundi, buri mu ngorane za poritike, bivuye kugushaka kwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza, nk’uko bivugwa na François Hollande, umukuru w’Ubufaransa.
Mu mubonano yahaye Michel Kafando, umukuru w’igihugu ca Burkina Fasso kuri uyu wa 1 Ruheshi uwu mwaka, Francois Hollande umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yateye intege uwutwara ico gihugu, aho intwaro mfatakibanza ya Michel Kafando, iriko itegura amatora meza, abereye ku mugaragaro, ivyo bigategerezwa guha icirwa ibihugu vyo muri Afrika biri mu ngorane nk’Uburundi. Michel Kafando rero akaba yamenyesheje ko ku wa 11 Gitugutu, hazoba amatora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka, nayo ku wa 16 Nzero hakazoba amatora y’abarongoye ibisagara. Akavuga ko igihugu c’Ubufaransa cagumye hafi ya Burkina Fasso, ndetse ico gihugu kikaba citeguriye n’ugufasha mu matora, aho ibahasha ry’imiriyoni zitatu n’igice kimwe y’amanyaburaya, yemewe mu gufasha ayo matora na François Hollande.
 
- François Hollande na Michel Kafando
François Hollande akaba yaboneyeho kuvuga ati :’’ Namba Ubufaransa bushigikiye Burkina Fasso, ni uko dushaka ko ico gihugu kibera akarorero ibindi bihugu, ndibaza ko kubiriko bibera mu Burundi uyu munsi, dutegerezwa gusigura ko hari inzira z’amategeko zitegerezwa kwubahirizwa, kandi hakaba amatora mu bwisanzure ntangere’’.
IGIHE

Messages
2 Ruheshi 2015, 12:05, par Goldmedal Bizindavyi
nibagumizeko kumuhanura bongera bamwereka n’uturorero akwiye kwisunga kuko hari igihe yokwihanura,ariko siwe ni z’ishetani zo mu Burundi zihaye zimuhenda
2 Ruheshi 2015, 13:42, par None?
Muracarinyuma mukuru! Kuberamuziko arimwebwe muduteza ivyago ukwonikwo mucamwivugisha? Ivyomu Burundi bizobatangaza uwuzibigangayikiramwo nuwuzokwishinga guharanirango ivyomwavuze ngompakabibe!
2 Ruheshi 2015, 18:39, par Rutimirwa
Abafaransa turabamenyereye n,uburyarya bwabo no guturira bijyanye no gusahura Afrika nitube maso!!!
2 Ruheshi 2015, 20:03, par emma
emma
nguburundi burabire kubindi bihugu heeeeee murihenda ntimwibaze kwari libiya mwagandaguye kadafi ? ubu frasa turabazi reka akarimi kanyu mureke nokutumena umutwe abarundi ntantwaro nfata kibanza dukeneye dukeneye intwaro yitorewe nabene gihugu
2 Ruheshi 2015, 20:07, par emma
emma
nguburundi burabire kubindi bihugu heeeeee murihenda ntimwibaze kwari libiya mwagandaguye kadafi ? ubu frasa turabazi reka akarimi kanyu mureke nokutumena umutwe abarundi ntantwaro nfata kibanza dukeneye dukeneye intwaro yitorewe nabene gihugu
2 Ruheshi 2015, 22:25, par Uwizera Willy
Kananirabagabo Ntiyimye! Agasozi Kintahanugwa Kahiye Abagabobabona.Nkurunziza Niyunvimpanuro,inyuma Yimpanuro Hazakaga,nukwicuza! Haryuwuguhanura Ntabarumwansi Wawe! Oyanamba! Rekaturindire,isezerano Ry’ayesu Rishike,amen.
3 Ruheshi 2015, 21:39, par BIGIRIMANA SEVERIN
NKURUNZIZA YARAKWIYE KUBONERAHO AKARYO KO KWISUBIRAKO AKUMVA NIMPANURO ZABAGENZI WE
3 Ruheshi 2015, 21:41, par BIGIRIMANA SEVERIN
NKURUNZIZA YARAKWIYE KUBONERAHO AKARYO KO KWISUBIRAKO AKUMVA NIMPANURO ZABAGENZI WE
3 Ruheshi 2015, 21:44, par BIGIRIMANA SEVERIN
NKURUNZIZA YARAKWIYE KUBONERAHO AKARYO KO KWISUBIRAKO AKUMVA NIMPANURO ZABAGENZI WE
3 Ruheshi 2015, 21:45, par BIGIRIMANA SEVERIN
NKURUNZIZA YARAKWIYE KUBONERAHO AKARYO KO KWISUBIRAKO AKUMVA NIMPANURO ZABAGENZI WE
4 Ruheshi 2015, 07:41, par kim
nigitangaza kabisa nubwambere nabona ubutegetsi bwa abahutu budakoranye n abafaransa igitangaza muri africa