Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Ikibazo c’ikena ry’amazi meza mu ntara zimwe zimwe kigiye kwicarirwa
Ikibazo c’ikena ry’amazi meza mu ntara zimwe zimwe kigiye kwicarirwa
vendredi 17 Nzero 2014
Inyuma y’aho abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke bagaragarije amakenga bavuga ko indwara zitumwa n’isuku rike, zigiye kubabangamira inyuma y’aho bigaragariye ko umurwa mukuru w’intara ya Cibitoke ukeneye amazi, umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko bagiye gukora ukwo bashoboye kugira ico kibazo cicarirwe mu Cibitoke no mu ntara zose.
Muganga Sabina Ntakarutimana arongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza Sida, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ingorane y’amazi itari mu ntara ya Cibitoke gusa, ko no mu ntara zindi z’igihugu hari iyo ngorane, ari naco gituma Reta y’Uburundi ifashanije n’abagiraneza, bagiye kuzofasha kugira abanyagihugu baronke amazi meza, indwara zivuye kw’isuku rike na cane cane zitumwa n’ubukene bw’amazi zishobore gutuzwa mu Burundi.
Muri iyo ntara ya Cibitoke na cane cane ku murwa mukuru, ibice bitatu vya kane vy’abanyagihugu bakaba batagira amazi meza. Abategetsi bo muri iyo ntara bakaba batewe impungenge n’iryo kena ry’amazi meza, bishobora gutuma gutuza indwara z’amacinya na kolera kiba ikibazo gikomeye.
Tukaba twobamenyesha ko intara yose ya Cibitoke, igice kimwe kuri bine vy’abanyagihugu aribo bafise amazi meza. Ikena ry’amazi ya rusengo rikaba rijana n’irwirirana ry’abantu muri iyo ntara, kuko nk’akarorero, mu gihe amazi yari yubakiwe abantu ibihumbi bitanu mu mwaka w’2003, ubu akoreshwa n’abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri. Ivyo rero bigaca bitera ingorane, mu gihe ico gitigiri c’abayakoresha ciyongereyeko incuro zine gushika muri uyu mwaka w’2014.
Uretse ugutabaza ayo mazi meza abo banyagihugu bo mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi harimwo n’intara ya Cibitoke, Reta ikaba yari ikwiye gutabaza inyigisho nazo abanyagihugu, zijanye n’ukurondoka bijanye n’amagara meza, kuko biboneka ko igitigiri c’abantu kiguma ciyongera uko bukeye, uko bwije.
Aristide Nizigire