Komine ya Nyakabiga iri mu gisagara ca Bujumbura, igiye kugira amabarabarameza, kuva aho ama quartier abiri kuri atatu agize iyo komine batanguriye kuyakora, mu gusasa amabuye hasi.
Nyakabiga ya kabiri niyo isanzwe yari yaraheheje gukorwa haraheze igihe, ubu naho amabarabara yo mu nyakabiga ya mbere niyo ariko arakorwa ku bwinshi. Nyakabiga ya mbere nk’uko abanyagihugu baho babibariye ikinyamakuru IGIHE, barashima uyo mugambi wa Leta wo kubaha amabarabara meza, mu gihe bavuga ko igihe (...)
Accueil > Mots-clés > IGIHE_Homepage_Management > newsletter
newsletter
Articles
-
Nyakabiga: Ata barabara nta terambere
13 Munyonyo 2013 -
Umurwi BBR warigishije ibicurarangisho abana bo mw’ibarabara
19 Ntwarante 2014Umurwi w’abaririmvyi b’umudiho wa Raggae bo mu ntara ya Gitega, watanze inyigisho ku bicurarangisho vy’umuziki, ku bana baba mw’ibarabara. Hari mu ntumbero yo kubaronsa amahirwe yo kuvamwo abaririmvyi. Hamwe n’ivyo, bariko bategura igiteramo co ku munsi wa Pasika bongera kandi bitegurira umunsi mukuru wo kwibuka umwami w’umudiho wa Raggae Bob Marley.
Benshi Bagona Rimwe (BBR) muri make, n’umurwi uzwi mu gutanga ubutumwa buri mu ndirimbo z’umudiho wa Raggae wo mu ntara ya Gitega. Uwo murwi wihaye (...) -
ECONET Burundi yatanguje « VYEMERE NIVYO », bishasha mu guhamagarana
5 Kigarama 2013Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru n’uguhamagarana “Econet Burundi” ryatanguje icese, umugambi mushasha « VYEMERE NIVYO » wo kugabaniriza ibiciro abanywanyi b’iryo shirahamwe.
Abanywanyi ba Econet Burundi, kuva ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 4 Kigarama 2013, barashobora guhamagara ku mafaranga cumi ku munota (10 Francs burundais par minute) ku bandi banywanyi bo muri Econet. Barashobora kandi guhamagara abanywanyi bo mu yindi mihora, hamwe n’abari mu bihugu nk’Ububirigi, (...) -
ECONET Wireless Burundi na AFCA bemeje amasezerano yo gukorera hamwe
16 Nzero 2014Ishirahamwe AFCA ry’abarimyi b’ikawa bo muri Afrika (African Fine Coffees Association) na ECONET wireless Burundi bateye umukono ku masezerano yo gukorera hamwe mu ntumbero yo gufashanya guteza imbere umurimyi w’ikawa. Muri ayo masezerano yatanguye kuri uwu wa kane, AFCA na ECONET Wireless Burundi biyemeje gushigikira igiterwa c’ikawa gisanzwe cinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu.
Igihugu c’Uburundi kizokwakira kuva ku genekerezo rya 15 gushika kurya 16 Ruhuhuma 2014, inama izoba ibereye ubwa (...) -
Amajambo 21 adasanzwe yavuzwe na Nelson Mandela
6 Kigarama 2013Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yashengeye afise imyaka 95 y’amavuka, yari intwari ikomeye muri Afrika ndetse no kw’isi yose, eka ndetse akaba yararonkejwe n’agashimwe kitiriwe amahoro ”Prix Nobel de la Paix”.
Akiri mu zima, hakaba hari amajambo makuru makuru yagiye avuga yabaye ntibagiranwa muri kahise, eka n’ubu ayo majambo akaba agifise agaciro. Ni amajambo 21, nayo akaba ari aya:
1.’’N’ubu ntituridegemvya, twaronse umwidegemvyo wodufasha kurondera kwidegemvya’’.
2.’’Kwiga ni (...) -
Burundi : Abahora bashora UMUVYI mu Rwanda no mu Buganda bakenyerewe
29 Nzero 2014Mu rugendo umushikiranganji wo gukingira ibidukikije yagize mu ntara ya Kirundo ari kumwe n’abari baserukiye ubushikiranganji bw’intwaramiheto, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubw’umutekano, yamenyesheje ko igiti citwa ’’UMUVYI’’ (Osiris lanceolata ) kigiye gukingirwa bimwe biboneka, nayo abagica bakagishora bidakurikijwe amategeko mu bindi bihugu, batagiye kwihanganirwa.
Ico giti gisanzwe kiri mu ntara za Muyinga, Kirundo, Cankuzo n’agace ka Rutana, umushikiranganji Jean (...) -
Ni ibihe bituma umuntu ameneka umutwe?
25 Kigarama 2013Kugira imyitwarariko irengeye y’ubuzima, uburuhe bw’ibikorwa umuntu aba yakoze, kubura itiro, kunywa inzoga, gushavura cane, ihindagurika ry’umubiri ku bigeme igihe bari mu butinyanka canke kutamenyera ihindagurika ry’ibihe nk’ubushuhe, eka mbere no gufungura kenshi imfungurwa nk’amaforomaji, biri mu bituma ukumeneka umutwe kenshi.
Kumeneka umutwe, n’indwara ikunda kwiyadukiza umwanya wari wose bivanye nivyo umuntu aba yiriwemwo. Ni nk’uko kandi bishobora kwiheza vyo nyene ata muti umuntu arinze (...) -
Bujumbura: Igiteramo ca Gaby cari agakura
25 Munyonyo 2013Umuririmvyi Gaby kamanzi ava mu gihugu c’Urwanda yaraye ateramishije abarundi mu giteramo c’agakura yise ‘’more than a song’’. Akanyamuneza niko karanga abari bitavye ico igiteramo.
Abakunzi b’indirimbo zo guhimbaza Imana i Bujumbura, kuri uwu w’Imana, kari akanyamuneza ntangere mu giteramo categuwe n’umuririmvyi Gaby Kamanzi. Uwo muririmvyikazi yarabiciye biracika mu nyubakwa za Odeon palace. Igihe c’isaha cumi na zibiri zirenga nk’iminota cumi niho yatangura kuririmba, abari aho bamwakiranye (...) -
Umugambi wo kunganisha imishahara wabaye urahagarara
10 Nzero 2014Abakozi bahurikiye mu runani mpuzamasendika COSYBU (Confédération des Sendicats du Burundi) nibo boba batumye umugambi wo kunganyisha imishahara utaja mu ngiro kuko batemeye ivyo umuhinga mpuzamakungu yakurikiranye ico kibazo yari yabashikirije.
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo, umushikiranganji w’abakozi ba Reta Annonciata Sendazirasa yamenyesheje ko umugambi wo kunganyisha imishahara usa n’uwabaye uratenyenya ku mvo y’uko habuze ukwumvikana hagati ya Reta hamwe (...) -
UPRONA : Inyuma yaho bankiwe kwinjira ku Mugumya, baciye bihereza amabarabara y’igisagara
4 Ntwarante 2014Umunsi mukuru w’urwaruka mparaniramajambere rwa Rwagasore wabaye ukuri kwamye aho biginye imyaka 47 bamaze babayeho, n’aho Francis Ngaruko avugira UPRONA irongowe na Concilia Nibigira, yari yavuze ko uwo munsi utaba batabasavye uruhusha, agasaba abo ba JRR kugirira uwo munsi mukuru mu ngoro yabo iri muri komine ya Ngarara.
Mu rugendo abo ba JRR bagize mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, bari kumwe na bamwe mu bashingamateka ndetse n’uwatowe na komite nkuru y’uwo mugambwe kugira arongore (...)