IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Alexis Sinduhije na Serge Nibizi ntibashoye kuyaga bahuza muri ’’Kabizi’’
Yanditswe taliki ya 13-12-2013 - isaha 13:01' na IGIHE

Mu kiganiro kabizi gica kuri RPA Ijwi ry’abanyagihugu, ntivyoroshe hagati y’umutumire muri ico kiganiro kiba minsi yose kuva igihe c’isaha zine hamwe n’uwukigirisha.

Ibibazo vyinshi bikaba vyabajijwe uwari yatumiwe. Alexis Sinduhije asanzwe arongoye umugambwe MSD, yari yaserukiye umukuru w’urunani rutavuga rumwe na Reta ADC Ikibiri, aho Leonce Ngendakumana, umukuru w’urwo runani yari yitavye muri sentare gushigikira icegera c’umukuru w’umugambwe Frodebu, Frederic Bamvuginyumvira yari mu butungane, aho amaze iminsi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Ikiganiro kabizi rero kikaba catanguye bimeze neza, Sinduhije yishura neza ku bibazo yariko arabazwa n’abanyagihugu, ku bijanye n’imyiyerekano yariko arabazwa ukwo itunganijwe, abandi nabo bafise amakenga ku kuntu iyo myiyerekano izoba. Ikiganiro kiriko kirarangira, hakaba habaye ukutumvikana hagati ya Serge Nibizi asanzwe aremesha ico kiganiro n’umutumire wiwe Alexis Sinduhije.

Serge Nibizi akaba yasaba Alexis Sinduhije ko yishura ku bibazo yabajijwe n’abanyagihugu bariko barakura, canke ikiganiro kigahagarara. Kuva ubwo, hakaba haciye haguma ukutumvikana muri studio za RPA Ijwi ry’abanyagihugu, hagati y’umukuru w’umugambwe MSD n’umumenyeshamakuru aremesha Kabizi, Serge Nibizi. Ico kiganiro kikaba uyu munsi carangiye ibintu bitifashe neza hagati y’umutumire n’uwutunganya ico kiganiro, kuko umumenyeshamakuru yakirangije, ibibazo vyabajijwe Alexis Sinduhije bidashoboye kwishurwa, mu gihe yagirije umukuru w’umugambwe MSD Kuba atariko yishura ibibazo yabajijwe n’abanyagihugu.

Ivyiyumviro vyanyu

Ahubwo muraraba neza akari inyuma karahinda. Biraboneka ko uwo Mugabo Sinduhije ariko aratera ubwoba abandi bamenyesha makuru ba RPA ngo ntibashire ahabona ukuntu bariko baracinyizwa n’ uwo Mugabo Sinduhije yitwaje ngo RPA ni iyiwe.
Ko twari tumenyereye ko iyo hagize umunyapolitike avuga nabi abamenyeshamakuru cane cane ba RPA nka Kiramvu bahora baca bihutira gukora “analyse logique†ivyo Kiramvu na RPA bita “kubica bisha na bisha†, none ko Sinduhije yaraye amenje akanya aho atema agatuka abanyagihugu hamwe n’ iradiyo yiwe RPA, ko ata gakoma ? Bose bamutera amashurwe ngo ni akarorero keza.

KIRAMVU, aho ntiworuhinda ibi bitutsi vya Sinduhije ukabica na bisha, ugasigurira abarundi ukuntu uyu mugabo Sinduhije ari umugome, ataco yubaha kandi afise indero nke nkuko wama ubigira ku bandi ba nyapolitike bitwara ukwo bishakiye ?

Ibi birerekana ko muri RPA hari umwuka w’ iterabwoba uvuye ko umumenyeshamakuru yokwihenda akavuga agacinyizo n’ iterebwoba Sinduhije agirira abamenyeshamakuru ba RPA yoca amwirukana.

Nayo Serges we ntahendwe n’ ivyo bigongwe vya Sinduhije bitavuye ku mutima. Emwe niyimbe yigera arondere ahandi hari mikro kuko ejo canke hirya yejo azomwirukana nkuko yavyemereye abarundi.
N’ abandi bamenyeshamakuru badakomera amashi Sinduhije bazoca bakwirikira.
Birateye isoni kubona Sinduhije ariwe ariko arasambura iradiyo we nyene yatanguje. Niyo yaheza gusambura iradiyo yiwe RPA, azoca akwirikiza MSD. Banywanyi ba MSD muragowe kuko mwakwirikiye umusazi ataco yibanga.

Sinduhije nasambure iyo radiyo yiwe RPA na MSD yiwe, mugabo amenye ko Abarundi tutazomwemerera ngo asambure Uburundi

21.12.2013 à 22:11
rupande@yahoo.fr

haaaaaaaaaa noneho ahiwacu uvuze nabi ck ugakora nabi niho uronka promotion ntubonako ababantu bamaze abandi aribo badutwara ??? j sintangara rero iyo umuntu akoze nabi peut être abaziko agira ashikirwe ariko atishe ngira ntazoshikirwa.Donc gushavura bibaho

20.12.2013 à 16:54
nadia

Nukuri birateye isoni kubona Sinduhije yerekana ko ari umu voyou akwiye kandi ntaho atandukaniye na ba kagame ahubwo nasabe ikigongwe atarukwo natange imihoho muri MSD . murakoze

19.12.2013 à 22:14
Jean - Claude

Umunyepolitike wese aramutse aja kw’iradiyo, abwirizwa gutegura ivyo avuga hama akirinda kwiteranya n’abo bamutumiye/journalistes hama, cane cane, n’umunyagihugu. Ikiganiro kabizi Alexis Sinduhije yagiranye na Serges Nibizi, biragaragara ko ataciteguriye amenye n’inyifato ikwiriye ku bamwumviriza. Ego, gusaba ikigongwe ni vyiza. Ariko kuvug’amajambo mabi nko kudahwa ubutegetsi, ni ukubigir’umuziro. Ishavu ntaco rishikako atari ukononer’umuntu. Haba mu kiganiro du 15 Juin 2014 "En toute intimite" de Jabo Jean-Marie, imvugo n’insiguro vya notre frere president du Parti MSD, Alexis Sinduhije, birateye amakenga. Erega ni aho nyene qu’on evalue les differentes et futures personnalites d’un pays.Ukuri kurafis’ukuntu kuvurwa hama twese twaraciye mu bwana. Hari ibintu bitey’isoni twagiye duca mwo, ariko abarundi tugeze mu zabukuru, tutubahuka kuvuga nk’umenera inda ku rukumu. Mumbabarire... koko Alexis Sinduhije arakwiye kwiga kuvuga canke plus de stage de formation pour pouvoir poursuivre sa politique. Nayo ahandi, kuyobora igihugu c’u Burundi, biramuroka peeeeeeeee. Hasigaye ko acisha bugufi atege anitegurire neza kuja mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka. N’ico mwipfuriza kandi nta yindi mpanuro mbona imubereye mu Burundi.

17.12.2013 à 23:36
Coldman’Zi

Mbega umuntu nka sinduhije ubona atandukaniye he na ba radjabu ? ibijuju gusa bitwagwa nishavu. Sinduhije atwaye igihugu nivyahuha bizohuhuka !
Bravo àserges , vraiment ntaho ahengamiye !

16.12.2013 à 20:51
tijos

abantu tumeze kwinshi hariho abumva banezerewe kubera habaye ugucanamwo hagati ya Alexi na Serges bakaba barose aho bavugira umuntu nabi.nivyo Alexi afise ikosa kuko yakoreshejwe nishavu avuga vyinshi ariko turikwisi umuntu aravuga nabi gikuru nuko abona ko yavuze nabi hama agasaba pardon abaca baheraho bamutyoza nabari basanzwe batamushigikiye sinon abavuga nabi bama bavuze

16.12.2013 à 13:00
bebe

"None kirangize, ko ur’umugabo urabe ko uzosubira kuvugira kur’iyi micro."

Emwe mwa bantu mweeee !!,ako n’akamaramaza kur’uyu mu perezida.

Nahora nibaza ko nzomutora mu matora ya 2015,none mbonye ko ivyivugo vy’umugambwe wiwe biguma bijoboroka."ukuri n’ubuntu". rero ntibikenewe ko ndamutora kuko mu mutwe wiwe hashuha nka phone irwaye karite-mere.

eka mubisanzwe,umuntu ashuha mu mutwe,ntiyoshobora kurongora igihugu gisanzwe kigoye kurongora nk’uburundi.

nagende anywe zirya mbabi z’urumogi hanyuma politiki na yo ayirekere abatuje mu mutwe.

hanyuma ngaruke kuri Nyakubahwa Leonce Ngendakumana,
erega mutama amazi n’umuriro ntaho bijana.

kuko nca ntangara nkibaza nimba birya ari vyo nyakubahwa Leonce yoba yari yatumye Sinduhije.

aho kwishura ibibazo vy’abanyagihugu,ahubwo yabatutse ko bavuga aya muhe !
none uwo n’umukuru,canke ni umukungu ?

nsabe nyakubahwa Leonce ko iyo bimugoye agafatirwa n’ayandi mabanga ko atoza aratuma abakungu ngo bamukorere mu ngata.
kuko Leonce we n’umutama atuje mu mutwe kandi nya we.

16.12.2013 à 11:34
claymontagnard@gmail.com

steven sigura ingene yoshobora kumwirukana mukazi ? budya bushingantahe yerekanye bwumviswe nigihugu cose akazi aragashoboye yoronka nakandi

16.12.2013 à 05:43
mico

Harabantu bandika ibintu uwubisomye akumva neza ko nibeau d’analyse yabo iri hasi caaaane. Icambere Alexis SINDUHIJE yarakoze amakosa yo gushwanira kw’iradiyo akongera agashwana nuwujejwe ikiganiro. Mugabo amatwi ansumira yarabisavyeko ikigongwe kandi ntawudakosha ikibi nugukosha hama ntiwemere amakosa ngo usabe imbabazi. Mugabo intango ya vyose nibaza ko ari uwo mumenyesha makuru vyabonetse ko ahengamye mukumukarira no kumuciramwo umwanya wose yagire yishure canke ashikirize iciyumviro. Umenga yari yatumwe kuko bazi kuwundi akaza ishavu ariko ararenganywa. Gushika naho hatelefonye umuntu (Mme Rose) akamubaza igituma wewe baganiriye bahuza. Hakaba n’abandi nka KABURUNGU yahoze muri MSD atararangurwa na DD, yamubajije ibibazo amubeshera, amukarira, amuvugira ivyo atigeze avuga mugabo Serges akamureka. Serges yatanguye Kabizi ataho ahengamiye mugabo ubu birateye isoni vraiment. Biboneka ko nawenyene baza baramukoze mukiganza, ubona ko u Burundi buvurwa ko ari ubwambere mukurya ibiturire. Mbe mbaye uwuraho, aho mukarira Alexis, abise abandi za Mujeri, mwabavuzeko iki ?uwabivuze yatutse abatwara, ajejwe gukorera kandi aribo bamubeshejeho. Serges nagire nkuwundi, asabe ikigongwe kandi yikosore amere nkuko yatanguye Kabizi, nayahandi bazoreka kumwitaba. Kare aba DD nka Ministre wa interieur n’abandi nibo batinya kumwitaba mugabo ubu nibo borohewe murico kiganiro kandi batahinduye uko bakora.ivyo birafise ico bisigura Mr Serges.Corrige toi nimba amazi atarenga inkombe.

16.12.2013 à 04:51
Twikebuke

Jewe mbona icokorwa ari ugusengera UBURUNDI bwacu kugira ntiburwe mukaga ntidusubire aho twahoze.

16.12.2013 à 01:38
roro

Serges ni Umushingantahe, kandi yerekanye ko ari umumenyeshamakuru afise ubumenyi n’ ubutwari bwo gutunganya kirya kiganiro KABIZI. N’ akomere kumuheto.

Nawe Sinduhije vyamunanire kunyegeza indero nke, akagaye, ubwenge buke n’ ubwishime vyiwe. Kandi ibi amenye ko Abarundi bazoguma babimuhanurako.
Abibaza ko Serges ati akwiye kwotsa agitutu Sinduhije ngo yishure ibibazo yabajijwe barihenda.
Muri KABIZI, uruhara rwa Serges ni uko aba magabo ngo umutumire canke abanyagihugu ata numwe atuka uwundi. Serges afise kandi uruhara rwo kuba magabo kuburyo umutumire yishura ibibazo vyabajijwe, kandi akaraba ko umutumire canke abanyagihugu batavuga ivyo yishakiye.
Mugihe Sinduhije agaye abanyagihugu agatangura kuvuga ivyo ashaka yitwaje ngo niwe yashinze RPA, Serges yategerezwa guko akazi kiwe, kandi yabikoze aramubuza. Komera Serges.

Nayo Sinduhije yaraye arwiciriye : « Niwe yatanguye kugaya abanyagihugu abahana n’ imbwa. Ejo niyo yaronka ubusa(0.000%) ntaze asubire kubesha ngo amatora yibwe.

Ni ukuvuga ko, nimba Sinduhije adashoboye kugabanya uwo munwa wiwe usongoye nk’ uw’ inkomvyi, n’ ave muri politike asubire m’ ubumenyesha makuru.

15.12.2013 à 21:00
Rupande

None ko SINDUHIJE yashavujwe n’umuntu umwe nka Serges, ubwo bishitse agashikira ubutegetsi abanyagihugu benshi bakaja mw’ibarabara nkukwo ariko arabibasaba ngo barijemwo, azoca ashavura bigeze hehe. Ko yavuga ko Serges azibonerako, abanyagihugu bobo ngira vyoba ibindi.Politique iragoye gose. Uwushaka kuyikina yobanza kwisuzuma gose akimenya ukwo ateye imbere yo gufata ingingo yo kuyijamwo.

15.12.2013 à 14:38
cnd

Ni kijuju tout cours !! Ni ba policien baronka akanya bagashaka kuvuga vyose nivyoatabiajijwe lero iyo ni manque ya maturite politique avec ignorance, bivanze lero nubwishime nakagaye !!! Nimab ar umuabo arashira mu ngiro menace yahaye Serge turabe !!! 2. RPA niyabantu bose, nimba muyibona kniyumurwi umwe ex Tutsi gusa , aho muri besha caaane kuko ntaho twoshika !!!

15.12.2013 à 08:05
fabien

Abarundi bamwe bamwe mu vy’ukuri barafise ibibazo. Kuki bakunda agapfa ? Mbe abo banyepolitike muvuga bazi kuvuga neza ni bande ? Ni bamwe batuka abarundi ngo ni MUJERI ? Mwikebuke. Burya Sinduhije n’ubwo ntamuzi neza, uravye ukuntu umunyamakuru yifashe imbere yiwe, hari kuvugwa n’ibisumba ivyo yavuze.
Mbe burya muhoramufata akanya ko gukurikirana amakuru y’abandi banyepolitike bakomakomeye kw’isi ? Nabo nyene karabacamwo bakavuga amajambo ataryohera ugutwi. None mweho ntubona ko hari abari kumutuka ngo ni umusazi, ngo anywa urumogi. Ikibi si ukugwa, ikibi ni ukugwa ukagumayo. Serge nawe arakwiye gusaba imbabazi kuko inyifato yiwe ntabwo yabaye nziza.

14.12.2013 à 23:57
Muco

NIBISANZWE KWIHENDA KOYASAVYE IKIGONGWE NTAMUNTU YISHE NABISHE BAGAFUNGA ABANTU NTACO BABA NKESWE UWABITEWE NISHAVU.ATERWA NABABISHA.

14.12.2013 à 19:32
BIGIRIMANA JEAN

Sinduhije Alexis n’umuhinga mu mikomo gusa bibonekako atandero agira, kandi mumenyeko asanzwe ari umunwarumogi, mutohoze neza murabe abo bigendana

14.12.2013 à 18:21
Gabriel

Serge Nibizi,Arakwiye kuregurubanza akabaza ijambo Sinduhije yamubwiye ngo ahagaritse ikiganiro ngo uzakubarumusiwiwe wanyuma wogufata micro kugira Sinduhije asigurire umuryango wa Nibizi,abarundi namakungu ukobizogenda kugira Serge Nibizi ubumusiwanyuma wokuja kuri micro. Ntimubikitatishe kugerubu abarundinkabose bararindiriye kumenya ijambo ngo numusiwanyumawokuja kuri micro, Sinduhije uhirwe Serge ntatsitare ! kanditagire ikibazonakimwe kukazikiwe ubabarundi nkatwese dushinzijisho kumumenyeshamakuru Serge Nibizi.

14.12.2013 à 17:55
Mama

Burundi iracakeneye abanya poritike kweri kuvyo n’iyumviye kwagatano mr alex yamaramaje umugambwe wiwe mr serge uri umugabo wihagararako ndakwemeye

14.12.2013 à 16:48
salim

Abo bariko bavuga ko serges afise ikosa sinzi ico bishimikije.Serges yariko akora akazi kiwe,ikiganiro kirafise ingene gitunganijwe. Hariho umwanya aha umutumire akavuga ivyiwe vyose abazwa n’umumenyeshamakuru gusa. Hakaba n’uwundi mwanya abanyagihugu babaza umutumire kugira abishure. SINDUHIJE rero yari yabajijwn n’abanyagihugu kugira abishure na canecane ko umwanya wariko urarangira,aca atangura kuvuga ivyo atabajijwe. None mwashaka serges ace amureka akore ivyo ishaka ? SINDUHIJE arazi icatumye yikura kuri RTNB none nivyo akorere kw’iradiyo yahoze arongoye. Serges yakoze umwuga wiwe kandi ni umumenyeshamakuru abushitse. akora akazi atankunzi abantu nka serges nibo twabuze muri kino gihugu cacu.SINDUHIJE :" Sozera nimba ur’umugabo urabe ko uzosubira kuvugira kuri iyo micro." SERGES :" Nihano noneho kino kiganiro kigarukiye..." courage serges uri UMUGABO.

14.12.2013 à 16:25
SELE

Ewe Burundi waragoye abantu bose bigira abakuru. Jewe Sinduhije naraye nkuyeko amaboko ahubwo n’abantu bose bari inyuma yiwe nibave inyuma y’abantu batazi politike.

Narekere Abatama bakera bazi ico bakora. Nagende abaze Abo muri Uprona ibicocoro muri Politike Bamwigishe.

14.12.2013 à 14:42
kabwali
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.