Accueil > Poritike > Imiriyoni 527,4 z’amarundi imfashanyo ya COSOME na CEJP
 Imiriyoni 527,4 z’amarundi imfashanyo ya COSOME  na CEJP
 Imiriyoni 527,4 z’amarundi imfashanyo ya COSOME  na CEJP
				
				mardi 17 Ntwarante 2015, par
Igihugu c’Ububiligi kigiye kuzotanga imfashanyo igera ku mafaranga amajana abiri na mirongo icenda n’atatu y’amanyaburaya mu ntumbero yo gushigikira igikorwa co gucungera amatora twimirije hano mu Burundi.
 
- Alexander de Croo, umushikiranganji ajejwe imigenderanire no gufashanya
Nk’uko ikinyamakuru le VIF co mu gihugu c’Ububiligi kibimenyesha, ayo mafaranga agera ku mriyoni 527,4 y’amarundi akaba azohabwa amashirahamwe abiri asanzwe akurikirana ivy’amatora iryo naryo ni urunani COSOME hamwe na CEJP(Coalition Episcopale Justice et paix au Burundi). Ayo mashirahamwe uko ara abiri akaba yatowe kuko asanzwe afise uburambe mu vyerekeye amatora, kuko no mu mwaka w’2005 hamwe na 2010 bari mubayacungera. Icegera c’umushikiranganji wa mbere akongera akaba n’umushikiranganji w’iterambere ry’amakungu, Alexander de Croo avuga ko ayo amashirahamwe afise ubushobozi bukwiye ariko akabura uburyo. Iyo mfashanyo rero izobatuma gukora neza igikorwa bazoba bajejwe c’uburorerezi bw’amatora .Ni no muri iyo ntumbero bazorungika abarorerezi bayo bashika ku 8000 mu gihugu cose mu ntumbero yo gucungera amatora.
Inyuma yaho amashirahamwe abiri CJP(Commission justice et Paix) hamwe na 11.11.11 azoca afasha ayo mashirahamwe abiri COSOME na CEJP mu buryo , mu nyigisho, n’ibindi. Ku bwo umsuhikiranganji Croo rero, ayo mashirahamwe uko ari ane akazoshobora gukora igikorwa gishimishije
Floxella Karire

Messages
17 Ntwarante 2015, 18:05, par I
Amafranga majana 200 yamanyaburaya avamwo million zirenga 500 million majana? Million majana majana majana? I don’t believe that! I think it’s not true!
18 Ntwarante 2015, 08:15, par ###
Jew nkumurundi womuri diaspora ndashimiy vyimvamutima leta y ububirigi nka keza cane cosome na cejp muzoyacunge neza aya matora kuko tuyizeyeko vyinshi kandi amatora ntacungwa kumusi wamatora gusa ahubwo nimuhere ubu kuraba iyo ceni ya Nkurunziza na Ndayicariy murakoze
21 Ntwarante 2015, 15:57, par Japhet
Ogo