Accueil > Imibano > Impunzi z’abarundi ziriko zizira ukutumvikana hagati y’Urwanda na (...)
 Impunzi z’abarundi ziriko zizira ukutumvikana hagati y’Urwanda na Tanzaniya
 Impunzi z’abarundi ziriko zizira ukutumvikana hagati y’Urwanda na Tanzaniya
				
				vendredi 16 Myandagaro 2013
Impfunzi z’abarundi zarirukanwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya inyuma yo gufata ivyo bari batunze muri ico gihugu.
Izo mpunzi z’abarundi zimenyesha ko kubera icuka kitari ciza hagati y’Urwanda na Tanzaniya zoba ziriko zizira ivyo zitazi mu gihe bazitiranya n’abanyarwanda, bagaca babirukana muri Tanzaniya ubutarariye.
Abo barundi birukanwa baremeza ko babitiranya n’abanyarwanda, maze bakababoha, bakabona kubirukana n’ivyo bari batunze bigasigara muri Tanzaniya. Mu bukene ntangere, izo mpunzi ubu ziri muma komine atandukanye y’intara ya Muyinga. Basaba abagiraneza kubagarukira kuko n’utwo bari batunze twasigaye mu gihugu ca Tanzaniya.
Musitanteri w’intara ya Muyinga akaba yemeye gukora ibishoboka vyose mu kuronderera imfashanyo izo mpunzi.
Mwomenya abagera ku gihumbi n’amajana atanu aribo bamaze gushika mu Burundi.
Egide Nduwimana
