Accueil > Poritike > Inama nshikiranganji yarakoranye irongowe n’umukuru w’igihugu Petero (...)
 Inama nshikiranganji yarakoranye irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
 Inama nshikiranganji yarakoranye irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
				
				jeudi 24 Nzero 2013
Kur’uyu wa 23 nzero 2013 Inama nshikiranganji yarakoranye irongowe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Hategekanijwe kwigwa ibintu bishika cumi.
navyo ni ibi :
1.Integuro y’itegeko ryemeza amasezerano y’imfashanyo- nyongera no H 808-BI yagizwe hagati ya reta y’u Burundi n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere mu mugambi waryo wo gushigikira ivyerekeye amagara y’abantu.
2.Integuro y’itegeko ryemeza amasezerano y’imfashanyo-nyongera no MDTF-HRI TF01 3043 hagati ya reta y’u Burundi n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere mu mugambi waryo wo gushigikira ivyerekeye amagara y’abantu.
3. politike y’ibisata vyo mu bushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine
4. Integuro y’itegeko ryerekeye inyigisho mu mashure y’intango n’ayisumbuye
5. Integuro y’itegeko rihindura ingingo zimwe zimwe zerekeye amatungo ya Leta
6. Integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryerekeye urwego rw’ubutungane mu batoza amakori mu kigo OBR
7. Integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rihindura itegeko ry’umukuru w’igihugu no 100/57 ryo kuwa 9 Ndamukiza 2009 ryerekana abagize CENI.
8. Integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rishiraho umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya ibikoresho n’inyubako.
9. politike y’amashamba m’u Burundi.
10. Icegeranyo c’umurwi mpuzabushikiranganji ujejwe kuryohora amasezerano hagati ya reta y’u Burundi n’ishirahamwe TOYOTA Burundi ajanye no kugura ikibanza cari cubatswemwo ikibuga c’inkino AFB hamwe n’umugambi mushasha w’amasezerano amaze kuryohorwa.
11. Utuntu n’utundi.
Mwomenya ko iyo nama nshikiranganji izomara imisi ibiri
Sylvere Bavumiragiye
