Accueil > Imibano > Ingene umuntu yobaho mu mw’’idegemvyo ntangere
 Ingene umuntu yobaho mu mw’’idegemvyo ntangere
 Ingene umuntu yobaho mu mw’’idegemvyo ntangere
				
				mardi 30 Ndamukiza 2013
Imbere yo kubarira  ikintu umuntu, wibaze ibibazo bitatu:
1.nivyo? muyandi majambo  ni ukuri? 2.birakunditse? 3.birakenewe?
Uraheza ukirinda kwemerera umuntu ico utazoshikana, ukamana ijambo ritera intege abantu muhuye, ntukavuge ico uzi kibi k’umuntu ahubwo mufashe, wirinde urusaku nico rutera cose
Ugire icitegerezo ciza ku bandi, umenye ko  uwariwe wese afise icashoboye
Ugurukira abandi, ugirire imbabazi uwufise intumbero, kuko urashora kudahuza n’abandi ariko mukaguma mu munezero.
Wihe akanya gakwiye   imbere yo  kubwira  ikintu umuntu comubabaza kuko hari aho ibikomere bigoye gukira.
Hagize umuntu aguhanura, gerageza ukuremwo ukuri muvyo avuga, hanyuma ukosore ibishoboka mu maguru masha. Atakuri kurimwo gerageza, umwemeze ukuri kwawe atamahane agiyemwo canke ishavu.
Gerageza utwenge kenshi kuko gutwenga biri mu buryo bwa mbere bwo gutanga ubutumwa neza, ha kurondera abakuba hafi, ba hafi abandi, ha kurondera gutahurwa , tahura abandi, ha kurondera gukundwa, kunda nawe, kubabarirwa ahubwo babarira, kandi gerageze gutegura ubuzima bwanyu neza ndetse no kubandi.
Aimé- Vitor Kwizera
