Accueil > Poritike > Isanamu n’amajambo ahayagiza Hussein Radjabu vyatumye apfungwa
 Isanamu n’amajambo ahayagiza Hussein Radjabu vyatumye apfungwa
 Isanamu n’amajambo ahayagiza Hussein Radjabu vyatumye apfungwa
				
				dimanche 30 Ruheshi 2013
Hari umunyagihugu wo mu ntara ya Muyinga, muri quartier Swahili apfungiwe mu gasho ka komine kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 24 Ruheshi 2013 muri iyo ntara ya Muyinga.
Janvier Nimubona ari nawe apfunze yafashwe ku munsi w’Imana igenekerezo rya 23 Ruheshi 2013, yambaye agapira kariko ifoto ya Hussein Radjabu yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi ubu akaba abohewe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Janvier Nimubona yagirijwe na buramatari w’intara ya Muyinga ko ariko ahungabanya umutekano muri iyo ntara kandi ko yoba ari mu bakwiragiza inzandiko zidateweko umukono ziryanisha abanyagihugu.
Ildéphonse Ntawunkunda, buramatari w’intara ya Muyinga amenyesha ko uwo munyagihugu Janvier Nimubona adapfunzwe kubera ako gapira yari yambaye, ahubwo ko amajambo yari yanditseko ariyo yatumye bamuhagarika kugira bamwumvirize bongere bamukoreko amatohoza. Nk’uko Ildéphonse Ntawunkunda, buramatari w’intara ya Muyinga yabimenyesheje, kuri ako gapira hari handitse ngo : "Intwaro waharaniye igeze ahatemba. Hussein Radjabu uri umugabo pe !", ivyo bikaba bijanye no gutyoza umugambwe uri ku butegetsi nk’uko buramatari w’intara ya Muyinga yabandanije abisigura.
 
- Ildéphonse Ntawunkunda, buramatari w’intara ya Muyinga
Mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bakaba basaba ko uwo munyagihugu yorekurwa. Kubwa Pierre Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH rirwanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe, Janvier Nimubona yari akwiye kurekurwa kuko yemeye gutanga ako gapira atagoranye nk’uko yabisabwe na buramatari w’intara ya Muyinga.
Egide Nduwimana
