IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > Ishirahamwe ridakwirikirana abanonotsi ryotanga imihoho

Ishirahamwe ridakwirikirana abanonotsi ryotanga imihoho

vendredi 12 Nyakanga 2014

Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama buriko buratorera inyishu ingorane zivuye ku kutumvikana, hamwe n’ikumirwa bibangamiye abanonotsi bo mu Burundi. Ku bw’umushikiranganji Adolphe Rukenkanya, ishirahamwe ridashobora gushikana abanonotsi babishoboye mu mahiganwa mpuzamakungu ryotanga imihoho.

Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama avuga ko ubushikiranganji budashobora kwihanganira ishirahamwe ry’abanonotsi ridashobora kurungika abanonotsi babishoboye mu mahiganwa mpuzamakungu. Uwo mushikiranganji abona ko ishirahamwe rirongowe na Nitunga Egide ritariko rifasha mw’iterambere ry’abanonotsi mu Burundi, iryo shirahamwe rikaba ryagirizwa ikumirwa rw’abanonotsi babishoboye no kudakwirikirana abanonotsi bo mu Burundi.

Igihe hariko haba amahiganwa atandukanye mu ntara ya Ngozi, Adolphe yashikirije imbere y’umukuru w’igihugu ingorane ziri muri ico gisata c’inkino. Uwo nawe yamusavye ko yokoresha ububasha ahabwa n’amategeko agatorera inyishu ico kibazo. Umuti Adolphe yatoye n’uko hoba amatora azohuza amashirahamwe atandukanye y’abanonotsi. Ikindi ashimikirako cane, n’uko uwuzotorwa wese ategerezwa gukurikirana abanonotsi, ataravye amashirahamwe baturukamwo.

Mwomenya ko ivyo vyatanguye igihe haba ikumirwa ry’abanonotsi mu mahiganwa yariko abera mu Buganda bigatuma Uburundi butitaba kubera abanonotsi baserukira igihugu kandi babishoboye batari bashizwe ku rutonde.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.