Accueil > Imibano > Kaminuza y’ Uburundi ntishoboye kwakira abanyeshure bo mu myaka y’ishure (...)
 Kaminuza y’ Uburundi ntishoboye kwakira abanyeshure bo mu myaka y’ishure ibiri
 Kaminuza y’ Uburundi ntishoboye kwakira abanyeshure bo mu myaka y’ishure ibiri
				
				mercredi 26 Munyonyo 2014
Abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye bo mu mwaka umwe w’ishure nibo bazakirwa muri kaminuza y’ Uburundi gusa, mu gihe abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye mu myaka ibiri y’ishure aribo bicaye mu mihana iwabo barindiriye gutangura umwaka muri kaminuza y’ Uburundi.
Umushikiranganji Yozefu Butore akaba yavyiganiye mu gatondo ko kuri uno wa kabiri bagenzi bacu bo kuri radiyo Isanganiro. Umushikiranganji Yozefu Butore akavuga ko aravye ubukene bw’inyubakwa muri iyo kaminuza , abanyeshure bahejeje umwaka w’ishure wa 2013-2014 ,ata kundi bazogira bategerezwa kurindira bagenzi babo bo mu mwaka w’ishure w’imbere yabo bagatangura.
Ariko rero aremera ko ivyigwa vy’ikwega muri iyo kaminuza ahanini bivuye ku mayegereyegere y’urutavanako. Umushikiranganji Yozefu Butore amenyesha ko kaminuza y’ Uburundi itagishoboye kwakira abanyeshure bose bahejeje amashure yisumbuye kubera ubwinshi bw’ibitigiri, ku vyerekeye ko vyoba vyatewe ahanini no kutagira iyerekwa ku nzego zagiye zikurakuranwa mu kurongora iyo kaminuza y’ Uburundi, umushikiranganji Yozefu Butore asa n’uwutishura ico kibazo ariko gusa aremeza ko ibitigiri vyagiye biduga ,ariko inyubakwa ntizongerezwa.
Tubamenyeshe ko ubu abahejeje umwaka w’ishure w’2012-2013 hamwe nabo mu mwaka w’2013 ushira 2014 bose barindiriye gutangura umwaka w’ishure muri kaminuza y’ Uburundi, mbere umushikiranganji Yozefu Butore akavuga ko n’ibitigiri bishobora kubandanya vyiyongera mu gihe batoheba kwama bagira ivyo basaba babicishije muri yegereyegere.
Floxella karire
