Accueil > Poritike > Kwiyunga kw’amashami abiri y’umugabwe UPRONA kuracari kure nk’ukwezi
 Kwiyunga kw’amashami abiri y’umugabwe UPRONA  kuracari kure nk’ukwezi
 Kwiyunga kw’amashami abiri y’umugabwe UPRONA  kuracari kure nk’ukwezi
				
				lundi 4 Ntwarante 2013
Ishami ryihaye kunagura no gusubiza umutamana umugabwe UPRONA ryifurije umwaka mwiza kuruyu wa gatandatu abanywanyi bayo bo mu gisagara ca Bujumbura na baserukiye abandi baje bava mu ntara zitandukanye z’Uburundi. Mu majambo yashikirijwe kuwo musi yari yo kubwira abanywanyi biryo shami rya UPRONA uko ubuzima bwu mugabwe wabo bwifashe nuko ivyo kwunga uwo mugabwe bigeze.
Ivyo birori vyabereye mu bunywero bita CERCLE UNIVERSITAIRE aho indongozi ziryo shami ry’umugabwe w’umuganwa Ludoviko Rwagasore bari bahuriye na banywanyi babo benshi ahanini bagizwe n’urwaruka. Mu majambo yashikirijwe nka yose yagarutse ku buzima bw’umugabwe UPRONA uko bwifasha. Ahanini ngo basanze bwifashe neza naho hari amashami abiri adacana uwaka. Umukuru w’ ishami ryihaye kunagura no gusubiza umutama umugabwe UPRONA ngo birihuta ko ayo mashami abiri asubire hamwe hama bakagira umugabwe umwe ukomeye nkuko umuganwa Ludoviko Rwagasore yawubasigiye.
Umwigisha muri kaminuza Varisito Ngayimpenda yamenyesheje abanywayi biwe ko bahuye nishami rya UPRONA bita UPRONA yo Kumugumya kuwa 19 kigarama 2012 ariko nta kinini bashitseko. Nkuko uwo arongoye ishami ryihaye kunagura no kwambika umutamana umugabwe UPRONA abandanya abivuga ngo barumvikanye ko bari gusubira kubonana ni ndongozi za UPRONA yo Kumugumya kuwa 15 nzero 2013 ariko ntibarasubira guhura. Varisito Ngayimpenda agakebura abanywanyi biwe ko ivyo kwiyunga ntaho birashika kuko ntaco barumvikana nabagize irindi shami rya UPRONA. Agahamagarira abanywanyi biwe kudasamazwa ni bivugwa hirya no hino ko amashami agize umugabwe w’umuganwa Ludoviko Rwagasore amaze kwiyunga.
Kuvyerekeye amajambo yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati ko isoko nkuru ya Bujumbura yahiye kumbure kubera ukugomba kw’Imana ; uwo arongoye ishami ryihaye kunagura no kwambika umutamana umugabwe UPRONA ngo birababaje kwumva ayo majambo ava mu kanwa ka Edwarudo Nduwimana. Umwigisha muri kaminuza Varisito Ngayimpenda agasaba ko hoba amatohoza nyayo agizwe na banyamahanga kuko abarundi bererekanya ko ata matohoza bashoboye afatiye ku matohoza yagizwe ku bwicanyi bwabereye mu Gatumba abantu barenga 38 bishwe. Aheraheza yibutsa Edwarudo Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati ko Imana idaturira ariko ikiza, Imana itisha ariko irarema.
Ivyo birori vyabandanije abatumire bahawe agatumu bari bateguriwe.
Patrick Wasso
