Accueil > Imibano > Muri PAFE bahagurukiye kurwanya urudandazwa rw’abana
 Muri PAFE bahagurukiye kurwanya urudandazwa rw’abana
 Muri PAFE bahagurukiye kurwanya urudandazwa rw’abana
				
				mardi 29 Gitugutu 2013
Mu buyobozi bwo gukingira imbibe no gutanga ibitabo vy’inzira PAFE baramenyesha ko atamwana n’umwe azosubira guhabwa uruhusha rwo gufata urugendo abavyeyi biwe batishikiye mu biro vyo gutanga ibitabo vy’inzira ngo bavyemeze bose ukwo ari babiri.
Mu gihugu c‘Uburundi, amashirahamwe aharanira agateka k’abana yarasemereye amenyesha ko mu Burundi hasigaye hari urudandazwa rw’abana mu mice myinshi, uri abajanwa mu bushurashuzi mu mazu yakira ingenzi ngaha mu gisagara ca Bujumbura. Muri abo, hari abatwarwa mu mahanga n’ababanyi babo canke umwe mu bavyeyi, hari n’abajanwa kugirwa abagore na bamwe bamwe mu barovyi, bo ku nkengera z’ikiyaga caTanganyika, hari abaja gutorwa mu mihana iwabo, bazi ko bajanywe kwiga canke gukora akazi, bajanywe mu bikorwa bigayitse canke bagatwarwa ibihimba bimwe bimwe vy’Umubiri. Aha mbere twobamenyesha ko mu kwezi kwa Nyakanga uwu mwaka 2013, hari akana k’agakobwa gafise imyaka 16 gaheruka gutahukanwa kavanywe mu gihugu ca Oman, kabifashijwemwo n’ishirahamwe JUSTICE ET EQUITE kari katwawe mu bushurashuzi.
Mu buyobozi bwo gukingira imbibe no gutanga ibitabo vy’inzira PAFE, bafashe ingingo y’uko ata mwana n’umwe azosubira guhabwa uruhusha rwo gufata urugendo, abavyeyi batishikiye mu biro vyo gutanga ibitabo vy’inzira, kuko vyibonekeje ko hari bamwe bagenda abavyeyi bose batavyemeranijeko, nk’uko bivugwa na jimmy Hatungimana umukuru wa PAFE.
Abandanya amenyesha ko naho umuvyeyi azoba yagiye kwa notaire agashirako umukono abavyeyi bazobanza kugenda muri PAFE uko ari babiri Kugira babazwe ko aribo bateye ko igikumu ku mpapuro, mbere amenyesha ko ikigo PAFE ata ruhara na ruto bafise muri urwo rudandazwa rw’abana. Ivyo akaba abimenyesheje kuko hari abavyeyi bari bamaze igihe baja kuri vyo biro gutera uruhagarara ko batigeze batera ko igikumu ku bibapapuro biha uruhusha abana babo kugira ingendo.
Floxella Karire
