IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Muyinga : Umugabo yazanye umugore agira 10 w’imyaka 52 yitwariwe mu (...)

Muyinga : Umugabo yazanye umugore agira 10 w’imyaka 52 yitwariwe mu giporisi

vendredi 21 Munyonyo 2014

Umunyagihugu azwi kw’izina rya SADEDE yarahagaritswe n’igiporisi kuri uwu wa gatatu, akaba yitwariwe n’umukuru y’umutumba Burima, komine n’intara ya Muyinga. Sadede yagirizwa gutera umudugararo kuri uwo mutumba.

Vyatanguye mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira kuwa gatatu, aho abagore ba SADEDE bagira urunani bakaja gutera uwo mugabo wabo yari ahejeje kubaharika, mu gushinga urundi rugo muri karitiye ya Kinyota, iri mu muji wa Muyinga. Amakuru dukura kuri Isanganiro avuga ko SADEDE w’imyaka 40 y’amavuka yari ahejeje kwubakana n’umugore w’imyaka 52, uwo nawe akaba yari akwije uwugira cumi, kuko yari asanganwe abandi icenda. Abo bagore ba SADEDE bagize urunani muri iryo joro, barara baratera amabuye ku nzu y’urwo rugo rushasha. Sadede avuga ko arenganwa, kuko nk’uko we avyemeza, afise abagore bane gusa, uwo "mukunzi wiwe mushasha" akaba yari abaye uwa gatanu.

Umuryango wiwe uramubeshuza

Asmani Bucumi, mukuru wa SADEDE avuga ko uwo murumunawe ageze ku bagore icumi, bamwe muribo bakaba barataye baromoka, kuko batashoboye kwihanganira iyo ngeso y’umugabo wabo. Mu muryango wa SADEDE bamenyesha ko barengewe, kuko yagurishije inka zibiri zari zaguzwe n’abo bagore biwe ba mbere, kugira ashobore gukwa uwo agira cumi w’imyaka 52. Muri uwo muryango bafise amakenga kuri kazoza k’abana aguma avyara kandi atariko arabaronderera.

Amategeko ntatomoye kuvyo SADEDE yagirizwa

Célestin NDUWIMANA, umuhanuzi ajejwe imibano n’intwaro muri komine Muyinga, amenyesha ko amategeko yo mu gitabu mpanavyaha adatomora neza igihano gihabwa umugabo afise abagore benshi, kuko muri abo bose ata n’umwe yanditswe na SADEDE imbere y’amategeko. Kubwa Célestin NDUWIMANA, umuhanuzi ajejwe imibano n’intwaro muri komine Muyinga, SADEDE yari akwiye guhanwa kuko uretse ko ateza akajagari muri komine Muyinga, arateye n’ikibazo mu bijanye n’irwirirana ry’abantu, kuko yubakanye n’abagore benshi, ashobora kuzovyara n’abana benshi adashobora kurera.

SADEDE asaba ko bomuha amahoro

Uwo mugabo w’abagore cumi yamirira kure ivyo yagirizwa, agasaba ahubwo ko bokwubahiriza uburenganzira bwiwe bwo gutunga abagore benshi, ivyo akabishikiriza mu gihe avuga ko asanzwe ari mw’idini ry’’abasiramu ritabuza umugabo kwubakana n’abagore benshi. Ku bijanye n’irwirirana ry’abantu, SADEDE avuga ko uwo mugore baheruka kwubakana nawe w’imyaka 52 yamaze guca imvyaro, ahubwo akamenyesha ko yashatse gufasha umutamakazi w’umupfakazi yahora atunzwe n’abana hamwe n’abuzukuru biwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Uwu mugabo ni bamuhe amahoro kuko abo bose ntaho banditse. Ni nkuko imalaya uoja gutera amabuye kwi hoteli yaryamyeyo uwahora ayishorera. Amashirahamwe akwiye gucisha ubwenge abantu bakamenya ko iyo harenzwe itegeko ukinumira kuko uba ubifisemwo inyungu,uwundi musi rirengwa nawe rikwaka inyungu zwa kandi ntawusemerera

  • Nibamureke kuko,murabo bose,ntanumwe wemewe namategeko.

  • Sadede urumugabo urikigwanigwa 10 abagore atanumwe yaditswe nahamwe bakAguma inyuma yawe utakorA??dd yarishe igihugu kBisa imuntuwese yiba ivyo ahabije

  • Basha ahubwo bakwiye kuraba neza uyo mugabo ubutare aremwe mwo!! Arakomeye pee!! Abagore10!!! None dushaka kumenya igitigiri c’abana yavyraranye nabo bagore icenda! Kuko ndibaza ko ashobora gutwara agashimwe kabantu bafise abana benshi mu BURUNDI

  • Mbega aba Islamu bobo baba mu burundi kuki iryo tegeko ryokurongora ritabafata?ni akarenganyo kadasanzwe,nibareke kumwirukako kuko yamaze kwiyemerera ko ari umw’ Islam,none bobo kobarongora abagore benshi,ntibabirukeko!ugira ntibavyara benshi! Umuzigo ku gihugu!wewe,arabemanga!kumenya abana afise ,peu importe,hari n’abatazi igitigiri c’abana bafise kandi bitwa ngobafise umugore umwe!ni bamureke,kuko itegeko ry’ukwabira abagore benshi mu gihugu ntiritomoyeneza.Si non, ni ba ry’ appliquée,kuba Islam sha turabe!nzocamenya ko abantu mu Burundi bangana imbere y!amategeko!abo bagore nabo banse uw’icumi kandi atakivyara,uwa mbere ko yari yarahoze!ni amarofa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.